NEWS

Nyuma yo gutsinda NIGER,Umukinyi umwe wese w’INTAMBA MU RUGAMBA yahawe ibihumbi amajana atanu.

on

Nyuma yo gutahukana amanota 3 mu rukino rwabahuje n’umugwi wa NIGER ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 5/9/2015 mu rukino rwabereye ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore,abakinyi b’umugwi Nserukira gihugu w’uburundi INTAMBA MU RUGAMBA barashimiwe nuwusanzwe arongoye umupira w’amaguru mu Burundi Umukenguzamateka Réverien Ndikuriyo.

D
Nyuma y’urukino Umukenguzamateka Révérien Ndikuriyo akaba yaciye atumako abakinyi kugira abashimire ku teka bari bahejeje gutera igihugu mu gutsinda NIGER ibitsindo 2-0,umukinyi umwe wese akaba yaciye ahabwa amafaranga angana ku bihumbi amajana atanu y’amarundi.

Twobamenyeshako muri ivyo birori vyo gushimira abakinyi ku ntsinzi bari bahejeje kuronka ko vyari vyatewe iteka n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo hamwe n’Umukuru w’igisagara ca Bujumbura.