Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsNyuma yo gusimba igihano c'urupfu, Abahagarariye Meriam bagiye kwunguruza

Nyuma yo gusimba igihano c’urupfu, Abahagarariye Meriam bagiye kwunguruza

Abunganira mu mategeko umugore w’umukritsu wo muri Sudani, Meriam Ibrahim, bavuga ko bagiye gukuzako ibirego vyo gukoresha impapuro z’amagendo aregwa.
Umupfasoni Ibrahim yasubiye gufatwa kuwa kabiri, nyuma y’aho igihano c’urupfu yari yahawe kubera guhindura idini gihanaguriwe.

Nyuma yo gukurwako icaha, yagerageje kuva mu gihugu akoreshe impapuro zo muri Sudani y’epfo aca afatirwa ku kibuga c’indege i Khartoum.

Umwe mu bamwunganira mu mategeko yabariye ibiro ntaramakuru vyo mu Bufaransa ko yizera ko abajejwe intwaro bazokurako ivyaha aregwa, bamuhe passport yo muri Sudani, ashobore kuja muri Amerika.

Sources : BBC

Must Read