Mu gihe ahatari hake mu gihugu hamaze imisi havurwa ikiza c’inzara nko mu mabohero, mu gisirikare, mu mashure afise uburaro hamwe n’ahandi, Umukuru w’umugambwe CNDD asaba nyabuna Leta y’uburundi kuva mu gacerere ikemanga ubushobozi buke ifise bwo gukingira iyo nzara abarundi irongoye hamwe no kwihutira gusaba ubufasha mu ncuti zayo, no mu ,mashirahamwe mpuzamakungu nka PAM, FAO, …
Mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi ry’abanyagihugu RPA kuri uyu wa gatanu, Léonard Nyangoma yagize ati :”…icokorwa mu maguru masha, Leta nive mu gacerere itabaze amakungu ni ukuvuga hari za PAM, za FAO,… babasabe gukingira abanyagihugu kuko abantu badafungura bituma bandura n’indwara nyishi cane. Rero ni ugutabaza abagenzi, ugutabaza amashirahamwe mpuzamakungu asanzwe afise imfungurwa zo kugaburira abanyagihugu”
Uwo mu nyepolitike asanzwe ari mu batavuga rumwe n’ubutegetsi aratanga inyishu irama kugira ikiza c’inzara kirwanywe biboneka mu Burundi. Iyo nyishu nayo si iyindi, ni iyo kwitaho biboneka igisata c’uburimyi, we abona ko cibagiwe cane mu Burundi.
” Ni ugusubira kugarukira igisata c’uburimyi kugirango umwimbu ushobore kurwira, ni ukuvuga ni ugushiramwo amafaranga menshi ku mafaranga Leta ikoresha ishikane ku bice birenga 20%” Niko Nyangoma yongeyeko avuga.