NEWS

Nyakabiga : Batandatu bagirizwa ubusuma bw’imiduga bafashwe

on

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko cafashe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha zitandatu z’ijoro, abantu batandatu bagirizwa ko ari abasuma b’imiduga.

Abo bantu bafatiwe muri Nyakabiga ya mbere, kw’ibarabara ry’umunani, bakaba bari mu muduga wo mu bwko bwa TI ufise iparati ndangamuduga F3998, muri uwo muduga hakaba harimwo udutu 35 tw’urumogi (35 boules de chanvre), nk’uko vyemezwa na Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Uwo murwi wari urongowe na Kevin Nikwibitanga aba muri Nyakabiga ya mbere ibarabara rya gatandatu, akaba asanzwe avugwa mu bundi busuma bw’imiduga.

Abafashwe bose bapfungiwe mu gasho k’igiporisi mu Nyakabiga, igisagara ca Bujumbura, bakaba bariko barakorerwa ama dosiye kugira bashikirizwe ubutungane.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply