NEWS

Nyabiraba: Abakenyezi bakora amarondo yo mw’ijoro

on

Icuka ca politike kibi kiriko cibonekeza cane mu Burundi imbere y’amatora ya 2020 aho abatavuga rumwe na leta bariko barahangana n’abanyagihugu bari mu mugambwe uri kubutegetsi mu Burundi.

Ni mu ntara ya Bujumbura beshi bita rural, muri komine ya Nyabiraba aho abakenyezi bo mu mugambwe utavuga rumwe na leta, CNL,babwirizwa kurara amarondo y’ijoro kugira bikingire umutekanao wabo.

Abanywanyi ba CNL babandanya biyongera

Amakuru avuga ko abo bakenyezi babwirizwa gukora amarondo y’ijoro kugira bacungere umutekano w’imiryango yabo kubera ko abagabo babo bahunze imiryango yabo ku gutinya kugirirwa nabi n’imbonerakure.

Abakenyezi bamwe bamwe bakavuga ko batinya cane ko hashobora kwaduka izindi ngorane zo gufata ku nguvu.

Abo bakenyezi bo muri CNL bakamenyesha ko Imbonerakure zo mu Nyabiraba zibategeka kugira amarondo hamwe nabo canke bibonereko.

Recommended for you