NEWS

Nubu nta mukandida wa CNDD-FDD arumvikanwako

on

Mu ndwi iheze ku musi wa gatanu harakoranye inama ihuza ibihangange vya CNDDD-FDD yari igamije gutatura ibihangan vya CNDD-FDD biriko vyiyumvira kugena umukandida wa CNDD-FDD azsubirira Petero Nkurunziza.

Isoko ry’iyi nkuru rikameneysha ko iyo nama yabereye i Ngozi mu ndwi iheze yaheze ata mwumvikano uhari ku wokwicara mu kibanza Petero Nkurunziza arimwo.

Iyo nama kandi yamaze imisi itatu bikavugwa ko yaranzwe n’ukutuvimkana gusa hagati y’ivyo bihangange vya CNDD-FDD ku woshirwa imbere ngo abe umukandida wa CNDD-FDD mu matora ya 2020.

Bikaba vyitezwe ko n’imiburiburi imbere y’ukwezi kwa gatanu mu mwaka uza umugambwe uri kubutegetsi uzoba washize ahabona uwuzowuserukira mu matora ya 2020 kugira ngo ahangane n’abandi batavuga rumwe na leta.

Abihweza ibintu barabona ko mu mugambwe uri ku butegetsi ukwo kutumvikana kuwoja mu kibanza ca Nkurunziza gishobora gutuma umugambwe wimanyuramwo kubiri canke gutatu.

Umwe atashatse kwiviga izina yavuze ko hashobora kuvuka imirwi itatu, umwe ukba uri inyuma yishirwa imbere rya Denise Nkurunziza, uwundi ukaba uri inyuma y’ishirwa imbere rya Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, uwundi ukaba uri inyuma y’umushikiranganji w’umutekano(Mutama 2).

Bikaba vyiteze ko umugambwe CNDD-FDD ukora ikoraniro kaminuza kugira ngo rimenyeshe uwuzoserukira uwo mugambwe mu matora ya 2020.

Recommended for you