NEWS

N’ubu Ikibazo C’Uburundi Kiracananiranye. Kubera Iki ?

on

Mu nama abakuru b’ibihugu vya EAC barangije ejo ku musi wa gatanu, vyaraye bigaragaye ko EAC yananiwe no gutunganya ikibazo c’Uburundi. Mugihe nyene Uwuhagaraiye EAC mwa kino gihe ari Yoweli Kaguta Museveni akongera akaba n’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi, biragarara ko ata kintu kinini kiriko kirashikwako.

Umufasha mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin Mkapa, yarashikirije icegeranyo ciwe ku bakuru b’ibihugu vya EAC. Ikintu nyamukuru yashize ahabona ni iki : Leta y’Uburundi ntiyemera gukorana mu biyago n’abo bose vyega kugira ikibazo c’Uburundi gitorerwe umuti.

Oryem Okello, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Ubuganda, yamenyesheje RFI ati : « Icegeranyo ca Benjamin Mkapa cerekana neza ko hakiriho ingorane kugira habe ugushira hamwe Pierre Nkurunziza n’abatavuga rumwe na we. Leta y’Uburundi irakwiye kwuguruka hama ikemera ko haba ukuja hamwe kw’abo vyega bose kugira hatangurwe ibiganiro ku kibazo c’Uburundi ».

Vyaragaye ko Umufasha mu biganiro bihuza abarundi, Benjamin Mkapa, yipfuje gutanga imihoho. Ariko rero, Ishirahamwe ry’ibihugu vya afrika y’ubuseruko ryasubiye kumusaba kandi ko yobandanya kuba umufasha mu biganiro bihuza Abarundi. Ni akanyamuneza kuri leta y’i Bujumbura, ariko kandi ni umubabaro ku batavuga rumwe na yo bari bipfuje ko Mkapa yotanga imihoho. Ariko naho biri ukwo, ntawuzi ko hari ico bizohindura ku mpagararo ya Leta y’i Bujumbura ku bijanye no kuganira n’abatavuga rumwe nayo.

Umushikirangani w’imigenderanire w’Uburundi, alain Aime nyamitwe yamenyesheje ko harindiriwe uko Leta y ‘Uburundi yakira ivyo vyashitsweko hama igashira ahabona itangazo.

Bamwe bamwe baribaza nimba abakuru b’ibihugu batoba babona kumwe ibijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwiriza shingiro ryitezwe muri Rusama 2018. Bamwe bibazo ko EAC yoshigikira ko rihinyanyurwa maze indyane zama zavuye kuri ryo zigahagarara ; abandi bakibaza nimba hokwubahirizwa amasezerano y’i Arusha ayo bamwe muri abo bakuru ba EAC bahagarariye kugira habe uguhagarika intambara mu Burundi.

Recommended for you