NEWS

Nubu amakenga aracahari ku gateka ka zina muntu imbere y’amatora ya 2020.

on

Umukuru w’ishirahamwe ryihwezza ibijanye n’agateka ka zina muntu muri Afrika yo hagati, Human Rights Watch, yamenyesheje ko ‘amakenga akihari ku bijnaye n’agateka ka zina muntu mu Burundi imbere y’amatora ya 2020’.

Nk’uko biboneka mu kinyamakuru le Monde, uwo mutegetsi yamenyesheje ko naho ‘leta y’Uburundi iriko yugara imiryango ku makungu, ko idashobora kwugara imiryango ngo akarenganyo gakorwa ntikaje ahabona‘.

Ico kinyamakuru Le Monde kiravuga uko muri rusangi vyifashe mu Burundi ubu Uburundi buheruka kwugara ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi hamwe no kwirukana amashirahamwe mpuzamakungu yakorera mu Burundi.

Le Monde irashira ahabona amakenga y’uwo mutegetsi wa Human Rights Watch muri Afrika yo hagati mu kumenyesha ko ‘ubu Uburundi busigaye busa n’ubwigenga mu makungu’.

Abamenyeshamakuru bakorera ku makuru y’akarenganyo ntibakiyakorerako neza mu Burundi ahubwo ko abayakorerako bayakora bisanze bari hanze y’igihugu c’Uburundi, aho bakira ivyegeranyo bitari bike vy’amakuru y’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu, nk’uko Le Monde ibivuga.

Ibinyamakuru bimwe bimwe vyo mu mahanga bikaba vyarugawe gusamirana mu Burndi nka BBC na VOA Radiyo yacu, hamwe n’ibindi binyamakuru vyerekana ko vyigenga mu kurya umutima amenyo bikavuga ibitagenda neza mu Burundi.

 

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply