Ikinyamakuru cambere kimenyekana kandi gikunzwe n’abarundi benshi cane baba hano muri Leta zunze ubumwe za America ( UBM News ) uko imisi itera ija imbere ngo ninako n’ikinyamakuru kiguma gitera imbere buri musi, uravye ngwaho catanguriye ugaca wongera ukaraba n’intambwe ubu kigezeho ngo usanga hari icahindutse kinini cane.
( Umurongozi mukuru wa UBM News ” ndetse akongera akaba n’umunyamakuru ” Eric Nyandwi )
ivyo rero bikaba vyemezwa n’umuyobozi mukuru wa UBM News ( Eric Nyandwi ) hamwe n’abakunzi b’ikinyamakuru ca ( UBM News ) kuko bose bemeza neza ko UBM News imaze gutera iyindi ntambwe hamwe no kugira uruhare mukumenyakanisha ibikorwa vy’abarundi baba hano muri America ndetse no kwisi hose.
Eric Nyandwi yagize ati : Ego uravye uko twatanguye ugaca uraba ubu aho tugeze usanga hari vyinshi vyahindutse cane , ubu nkuko ndi umurongozi wa UBM News ” burigihe nama ngerageza kwiyunvira vyinshi vyoduteza mbere ndetse bigateza imbere n’abandi , ubwo rero akaba arinayo mpanvu nahisemwo gushiraho i Radio izoza iracako ibiganiro bitandukanye mu minsi iri imbere ndetse nkaba ndizera neza ko ibikorwa vy’abarundi baba hano muri America ko bizobashwa kumenywa n’abantu benshi biciye kurino nsamirizi nshasha ya UBM News.
Umwe mu baririnvyi b’abarundi bakunzwe cane hano muri America, aho yabazwa ngwatange iciyunviro kuvyerekeye ino nsamirizi ( Radio ) nshasha ya UBM News igiye gutanguzwa mumisi iri imbere, ubwiwe yagize ati : Ni ikintu kinezereje gose kunva ko hagiye gushingwa Radio nsha y’abarundi , nkanje nkumuririnvyi ndabibashimira gose kuko ndizera ko ibikorwa vyacu ko bizobasha kugera kuri benshi, ikindi naco ndashimira abanyamakuru ba UBM News hamwe n’umuyobozi waco kuko iyo hataba mwebwe ndizera yuko ibikorwa vyanje ko bitaba bimenywa n’abarundi.
Aho muherereye hose, mumisi irimbere muzoza mubasha kunva ibiganiro tuzoza ducisha hano , ikindi naco nuko tubandanya tubibutsa ko ( MGM Studio ) isanzwe iyobowe n’umuririnvyi ( Methuselah Nzisabira ) ko ariyo izoza ikorana na UBM News Radio.