NEWS

Ntivyoroshe Muri CNARED! Kubera Iki?

on

Inyuma y’aho urunani rutavuga rumwe na leta y’i Bujumbura rushiriye hejuru Dogiteri Jean Minani ngo atware urwo runani asubiriye Charles Nditije, ubu ntivyoroshe aho hari ukudacana uwaka hagati y’abarongoye urwo runani na jean Minani.

Bamwagiriza kuba anyonora amatungo ya CNARED no gufata ingingo wenyene atawe arinze kugisha inama. jean Minani aragirizwa cane ko yanyonoye amafaranga menshi urwo runani CNARED rwakoresha mu bikorwa vyarwo, nk’uko ikinyamakuru The Burundian kibimenyesha.

Soma kandi: Urunani CNARED Rwashinze inzego Nshasha.

Rero, abadashigikiye ingendo ya Jean Minani ari bo Léonidas Hatungimana (umu frondeur) arongoye umuhari PPD, Nditije Charles arongoye UPRONA, Bamvuginyumvira Frederic wa FRODEBU na Mugwengezo wa UPD Zigamibanga bahisemwo kwandikira ikete Jean Minani ryashizwe ahabona, bamwagiriza ukudakora ibintu mu muco kandi agakoresha aka mwana wa mama mu bikorwa vyiwe.

Jean Minani nawe yoba buca asezererwa vuba? Uko biri kwose ntivyoroshe muri CNARED.

Soma ngaha urabe ibiri muri ayo makete:

Recommended for you