Tuesday, May 30, 2023
HomeNews Ntivyari bisanzwe : Irabire uko ibirori vyose vyari bimeze aho ''...

Ntivyari bisanzwe : Irabire uko ibirori vyose vyari bimeze aho ” Petero NKURUNZIZA ” hamwe na ” Jakaya M. KIKWETE ” bashiraho bino bintu bishasha !

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA ari kumwe na mugenziwe wa Tanzaniya Jakaya M. KIKWETE baraye berekanye icese uburimbi bushasha bwashinzwe ku mupaka w’ivyo bihugu bibiri. Uburimbi bushasha bwashizweho n’umugwi b’abahinga bo kumpande z’ivyo bihugu vyompi. Aha uburimbi bwahahora bukaba bwari bwashinzwe mu 1924, ku ntwaro y’abakoloni, ubu imbibe zikaba zasa n’izazimanganye hamwe hamwe,bigatuma rero haba abarundi baja ku butaka bwa Tanzaniya canke abatanzania baja ku butaka bw’Uburundi.

Inyuma y’ugushinga uburumbi bushasha, bukomeye, abarundi basanze baba ku butaka bwa Tanzaniya canke abatanzaniya bari mu Burundi co kimwe n’abasanze baba ahatarekuwe ( Zone tempon) bitegekanijwe ko bazohabwa aho baba bongere babahe n’umuzibukiro.

Abo bakuru b’ibihugu bakaba basavye abanyagihugu ku mpande zompi kwubahiriza uko urwo rubibe rwashinzwe.
Aha mwomenya ko kuva mu buraruko mu Kirundo gushika mu bumanuko i Bururi (Rumonge) Uburundi buhana urubibe na Tanzania ku birometero bishika 451, aheshi izo mbibe zikaba zashinzwe n’abakoloni, hakaba hari n’igice c’Uburundi cashizwe kuri Tanzaniya (Bugufi).
Uburundi na Tanzaniya bisanzwe bifataniye ubucuti kuva na kera, ubu ho bikaba binasangiye umuryango wa Afrika y’Ubuseruko aho imwe mu ntumbero z’uwo muryango harimwo gushika aho haba leta imwe ihuza ivyo bihugu vyose uko ari 5.

Iyo foto iri hejuru ni Petero NKURUNZIZA ariko aramutsa Jakaya KIKWETE wa Tanzania igihe yari ashitse ahabereye ivyo birori ku mupaka i Gikomero, i Ngara ku ruhande rwa Tanzaniya na Rumandari,i Giteranyi (Muyinga) ku ruhande rw’Uburundi,igenekerezo rya 27 Myandagaro 2014.

Iyo foto iri hejuru ni Petero NKURUNZIZA ariko araganira na mugenzi we Jakaya KIKWETE wa Tanzania bamaze gushika, i Gikomero, i Ngara ku ruhande rwa Tanzania na Rumandari ,i Giteranyi (Muyinga) ku ruhande rw’Uburundi, ahabereye ivyo birori vyo gushikiriza n’ukwerekana icese uburimbi ku mupaka w’Uburundi na Tanzania, igenekerezo rya 27 Myandagaro 2014.

Iyo foto iri hejuru ni Petero NKURUNZIZA ariko araganira na mugenzi we Jakaya KIKWETE wa Tanzaniya bamaze gushika ku mupaka i Gikomero, i Ngara ku ruhande rwa Tanzania na Rumandari ,i Giteranyi (Muyinga) ku ruhande rw’Uburundi, ahabereye ivyo birori vyo gushsikiriza n’ukwerekana icese uburimbi ku mupaka w’Uburundi na Tanzania kuwa gatatu igenekerezo rya 27 Myandagaro 2014. Barikumwe n’uwuserukira Uburundi muri Tanzania Amb. Issa NTAMBUKA hamwe n’umushikiranganji wa Tanzania ajejwe iterambere Prof. Anna Tibaijuke.

Prezida NKURUNZIZA ariko araramutsa bamwe mu batanzaniya bari bitavye ivyo birori vyo gushikiriza icese uburimbi bushasha bw’ubatswe i Gikomero, i Ngara ku ruhande rwa Tanzania na Rumandari ,i Giteranyi (Muyinga) ku ruhande rw’Uburundi, ahabereye ivyo birori vyo gushikiriza n’ukwerekana icese uburimbi ku mupaka w’Uburundi na Tanzania, igenekerezo rya 27 Myandagaro 2015.

Abakuru b’ibihugu vy’Uburundi na Tanzania, abategetsi n’abahinga bo kumpande zompi, kw’ifoto y’icibutso c’ivyo birori vyo kwerekana no gushikiriza icese uburimbi hagati y’ivyo bihugu, i Gikomero, i Ngara ku ruhande rwa Tanzania na Rumandari ,i Giteranyi (Muyinga) ku ruhande rw’Uburundi, ahabereye ivyo birori, igenekerezo rya 27 Myandagaro 2015.

Iyo foto iri hejuru ni Petero NKURUNZIZA na mugenzi we Jakaya KIKWETE wa Tanzaniya igihe co kwivuna umusase inyuma y’ivyo birori, ku mupaka i Gikomero, i Ngara ku ruhande rwa Tanzaniya na Rumandari ,i Giteranyi (Muyinga) ku ruhande rw’Uburundi,igenekerezo rya 27 Myandagaro 2014.

AYANDI MAFOTO YARANZE IVYO BIRORI

Sources : Ingoma

Must Read