NEWS

Ntibisanzwe: Video yerekana abapolisi bariko bakubita abasenzi mw’isengero ry’Abasabato

on

Muri iyi misi ya vuba hariko harakwiragira ivideo yerekana abapolisi bariko bakubita abasenzi bo mw’idini ry’Abasabato bo kumusi w’indwi mu Burundi.

Nk’uko France 24 ibishira ahabona, abo basenzi bakaba bazira kwanka umuyobozi bahawe kandi yemewe mu mugambwe CNDD-FDD yitwa Joseph Ndihokubwayo.

Uwo Joseph Ndihobwayo hari nizindi video zerekana ko igihe yashikirizwa izo ‘ntama ziwe’ zaciye zikoma akaruru ngo nguyo ‘Joseph idayimoni’.

Umwe muri izo ‘ntama’ za Joseph Ndihokubwayo yabwiye France 24 ko hari ukwicamwo ibice mu basabato kubera ubuyobozi bubi.

Ikibazo kiri mw’idini ry’abasabato mu Burundi kikaba kiriko gishinga imizi.

Bamwe bamwe mu basabato twovuga ko bari ‘conservateurs’ ntibashaka  ko leta yokwivanga mu buyobozi bwayo.

Mu gihe kandi hari bamwe twokwita mu basabato bari ‘lberal’ bashaka kuvanga leta hamwe n’idini ryabo gushika yaho bashiraho abayobozi bemewe mu mugambwe CNDD-FDD.

Raba hano izo video:

Recommended for you