Mu gihugu ca Tanzania, abantu 4 bava m’umuryango umwe baheruka gufatwa n’abapolisi, aho n’inyuma yaho babasangiye bariko bararima batambaye bose bari gusa.
Uwafashwe ni ” Makoye Gamoge ( 42 ) hamwe n’umugore wiwe azwi kwizina rya Neema Kugela ( 31 ), umwana wabo w’umuhungu ” Juma makoye ( 15 ) hamwe n’uwundi w’umukobwa ” Esther Makoye ( 12 ) , abo bose ngo nyuma yo kubona aba polisi ngo ntibirutse ndetse ngo vyaboneka nkaho ataco bibabwiye atabwoba n’abumwe bafise.
Nkuko bikomezwa bivugwa n’ikinyamakuru gikorera muri Tanzania ” Udaku Specially ” bo bavuga yuko uno muryango wakomeje kurima no kuririmba kugeza aho Polisi ariyo yatanze itegeko ryuko bategerezwa guhagarika kugirango bavuge impanvu bashobora kurima batambaye.
Umukuru w’igipolisi waho hantu avuga ko kuba uno muryango warafashwe bariko bararima batambaye ngo n’ibisanzwe murako gace kuko ari imigenzo yabo b’ Abasukuma , ubwiwe kandi yabandanije avuga ko abakoresha ino migenzo yuko bituma haca harwa invura indetse nivyo baba barimye bigaca bibonekamwo umwimbu mwinshi cane.