Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsNtibisanzwe : Umugozi wakoreshejwe mu kuniga Saddam Hussein uriko uragurishwa imiriyoni indwi...

Ntibisanzwe : Umugozi wakoreshejwe mu kuniga Saddam Hussein uriko uragurishwa imiriyoni indwi z’amadorari ( $7 Million )

Umugozi wakoreshejwe mu kubamba Saddam Hussein uriko uragurishwa, ariko rero iryo gurishwa ririko ritera impari kubera uwuriko arawugurisha yoba atabifitiye uburenganzira.

Uwo mugozi wakoreshejwe mu mwaka w’2006 mu kubamba Saddam Hussein uriko ugurishwa imiriyoni indwi z’amadorari (7 millions de dollars). Uriko udandazwa na Mowaffak al-Rubaie yahoze ari mu nama mpanuzwajambo ya Irak igihe Saddam yabambwa. Amakuru ava mu kinyamakuru al-Araby al-Jadeed co mu barabu ariko gikorera i Londres mu Bwongereza, avuga ko uwo mugabo ariko agurisha uwo mugozi yafashije cane mw’inyongwa rya Saddam. Nk’uko bivugwa ko yari umwansi wiwe, niwe yakweze ikigunguru Saddam yari ashizeko amaguru, imbere y’uko umugozi umuniga. Amakuru ava mu kinyamakuru Azzaman avuga ko Mowaffak al-Rubaie yabigize kubera Saddam yari umwicanyi n’umusuma karuhariwe.

Ico kinyamakuru nyene candika ko bitumvikana igituma uwo mugozi wogurishwa na Mowaffak al-Rubaie kuko waguzwe na Reta ya Irak kw’isoko ya Chorja y’i Bagdad, bawuguze baravye uko ungana kandi ko ushoboye guterura uburemere bwa Saddam Hussein. Uwo mugozi rero ntiwogurishwa n’uwo mugabo ahubwo yoshigwa mu minwe ya Reta.

Mwomenya ko uwo mugozi uteye ikibazo wagira ugurwe n’abagwizatunga bava muri Israyeri, muri Irani n’abandi babiri bava muri Koweti.

Must Read