2 Pac Shakur, numwe mu bantu batazopfa bibagiwe muri Hip Hop nacane cane kubamuzi akiri muto ndetse bakaba bazi nivyo yakuriyemwo, ntawoshobora kwemera ko inzoka irabagirana nk’uko izina ryiwe ribisobanura, 2 Pac yari kuzovamwo igihangange akazomenyekana kwisi yose.
2 Pac Shakur yavukiye mu gace ka Bartimor mu gisagara ca New York mu mwaka wi 1971. Nyina umuvyara Afeni Shakur yari umwe mubagize itsinda ry’abirabure ryari ryararahiye gutesha umutwe abapolisi ba Leta zunze ubumwe z’ Amerika ndetse n’uwariwe wese wari ubangamiye umutekano w’abirabure b’Abanyamerika.
2 Pac umuraperi karuhariwe, umukinyi wa filim, umugabo utavuzweho rumwe n’abantu kubera ukuntu yigenza, aho bavuga ko yari umu ‘gangster’, ariko ubwiwe yar’azi ko afise abansi barenze cane.
Kw’itariki ya 30/11/1995 yarashwe n’abantu batamenyekanye, bamwe muri bagenzi biwe bakora indirimbo nka Big Natorias nibo vyunvikana ko aribo bamurashe uwomusi. Ava mu bitaro yavuze ko azi neza ko hari abantu babansi batipfuza ko yoba kwisi.
2 Pac Yagize ati:” jewe ndi umu ‘Hustla’ buri wese avyumve, nta muntu yaremewe guhoraho, kuko uko ariko bimeze , sinitaye kuvyo muhora muvuga, ivyo ku bwanje mdabifata nkibintu bisanzwe, ku bwanje nditanga uko nshoboye ariko nubu sinorohewe , nanje ubu ngiye gutangura gukora nkuko bankorera nereke abo ba Nigga bashaka kunyivugana’’.
Nyuma yo kurokoka iri raswa , abansi ntibamuhaye akaruhuko, kuko nyuma y’amezi make gusa, yaje kongera kuraswa, binamuviramwo kuva kw’isi.
Ese 2Pac yarashwe gute canke vyari bitewe ni iki?
Mu gitondo citariki indwi zukwezi kwicenda ” 09/07/1996, 2Pac yazindutse aja mu muji wa Las Vegas ubarizwa muri Leta ya Nevada, kugira ngo abashe gukurikirana umukino wa Boxe, warimwo guhuza incuti yiwe yitwa Mike Tyson na Bruce Seldon. Akigera Las Vegas yahise afata icumba muri Hotel izwi cane kwizina rya Luxal Hotel Casino. Uwo murwano wari witezwe n’abantu benshi ku buryo MGM Grand Hotel yari kuberamwo uyomusi yari yuzuye abantu benshi bimwe birenze.
2 Pac yari yazananye na Boss wiwe ” Suge Knight ” umwe mubari bashinze Studio 2 Pac yakoreramwo indirimbo, ngo birabire uwo mukino. 2 Pac hamwe n’abari bamuherekeje ari bo Suge Knight , umurinzi wiwe Frank Alexander, ndetse n’iyindi ncuti imwe ya Suge Knight , bafashe imyanya mu gice c’abiyubashe, aho umwanya umwe wishurwa ama Dollar $ 1000.
Hashize iminota ibiri gusa, nk’umuravyo, Mike Tyson yateye igipfunsi c’akataraboneka Bruce Seldom ahita agwa hasi, umukino urangira gutyo. Iyi nayo yahise ija mukahise hamwe nomumateka ya Boxe hano muri America.
Abantu batanguye gusohoka banyuranamwo bamwe bajujuta. 2 Pac hamwe na Suge Knight ndetse n’abo bari kumwe, batanguye gusohoka nabo ariko bageze kumuryango habayeho kurwana gutunguranye hagati ya 2 Pac n’abo bari kumwe, aho bacakiranye na Orlando Anderson umusore w’umuraperi wo mu gace ka Compton i California hamwe n’inkoramutima ziwe.
Imirwano yahagaritswe n’abarinzi ba Hotel, ku bw’amahirwe, 2 Pac yahise aja mucumba ciwe aho yari asanze fiancé wiwe Kadada Jons. Amaze guhindura imyambaro , 2 Pac na Suge Knight bahise baja mu gace ka Paradise Valley mu Muji wa Las Vegas, kuri Villa y’akataraboneka ya Suge Knight .
Hageze mumasaine z’ijoro, 2Pac, Suge Knight ndetse n’abarinzi babo, berekeje munzu y’uruvyiniro ” Club 662 ya Suge Knight iri ahantu hitwa flamingo, aha 2Pac akaba yaragomba kuririmbana na Groupe Run DMC, bikaba vyari biteganyijwe ko na Mike Tyson na we yagomba kuba ahari.
kuriy’inzu y’uruvyiniro, 2Pac yari yicaye mu modoka ya BMW y’irabura, Suge Knight ari we umutwaye aho bari baherekejwe n’imodoka 4 zirimwo abarinzi babo. Satano zijoro habura ibirometero bike ngo bagere kuri Club 662, Suge Knight yahagaritswe naba Polisi kubera ko yagenda avuza umuziki mwinshi mu modoka kandi nokuba imodoka yiwe itari ifise Plaque, ibi bikaba vyaragaragajwe n’ifoto yafashwe n’umupaparazi wari hafi yaho, iyi ikaba ari nayo foto yafashwe ubwanyuma 2Pac akiri muzima.
Barenze aho uwo mu polisi yarari, imodoka yabo yahise izingurukwa n’imodoka zibiri batazi aho zivuye, imwe imbere, iyindi inyuma. Iy’inyuma yaje iciye muruhande rw’ibumoso, abakobwa b’abirabura bane bari bicaye mur’iyo modoka bamwenyurira 2Pac na Suge Knight , nabo barabasuhuza.
Murako kanya umwe mu basore batatu bari bari mu modoka y’imbere, yahise asohora umutwe mwidirisha ry’imodoka, arekurira amasasu agera kuri 13 ku modoka 2Pac na Suge Knight bari barimwo.
2 Pac mu gushaka guhungira mumwanya w’inyuma ntivyamworoheye kuko yari yambaye umukaba wo mu modoka, bituma ahita afatwa n’amasasu atatu. Uwo munsi kandi 2Pac ntiyari yambaye Impuzu zimurinda gukomeretswa n’amasasu kandi ubusanzwe kare yarasanzwe azigendana, Suge Knight bari bicaranye nawe yararashwe ndetse n’amapine abiri y’imodoka araraswa.
Ababarashe bahise bava aho bihuta cane, bafata inzira ija muri Coverlane.
Muvyo Suge Knight yamenyesheje nyuma yo kurokoka yavuze ko bakimara kuraswa, yabajije 2 Pac nimba ameze neza, maze ngo bitewe nuko 2Pac yabona amaraso menshi kwizosi rya Suge Knight , aramusubiza ati:’’Ni jewe warashwe canke ni wewe? Ndabona bakurashe mu mutwe”.
Bitewe no kumva amasasu menshi, Polisi yahise ihagera baca baja kwa muganga, ariko kubera umuvuduko mwinshi mu nzira bakoze impanuka amapine yari yasigaye ari mazima nayo aratoboka ariko vyaratevye birakunda abandi bantu baca bagenda kubatora babashikana kwamuganga.
Nk’uko abaganga babitangaje, ngo mu nzira bagenda ku bitaro 2Pac yagenda avuga ngo ndapfuye, simbasha guhuma. Kwamuganga bahise bamubaga incuro zitatu , ngo barabe ko bohagarika kuvira imbere, banamuvanamwo igihaha c’iburyo.
Iminsi igera kuri 6 yamaze muri Coma, MC Hammer, Mike Tyson, Jasmine Guy, Pasiteri Hary Chalton ndetse na Mama wiwe Afeni Shakur, barahinduranya kuza kumuraba bose bakahava n’amarira menshi.
Bitewe no gukomereka kwacane, kuwa gatanu itariki ya 13/09,1996 saa kumi z’ijoro zirenzeho iminota itatu 2Pac Shakur yashizemwo umwuka ahita arapfa.
Hari muma saa kumi n’imwe zo mugitondo ubwo umuvyeyi wiwe yahagera agashikirizwa umuhisi 2 Pac . Amaze Gupfa abantu mukumusezera bakoraniye i Las Vegas, aho umubiri wa 2 Pac Shakur bawuturiye, bikaba bivugwa ko ivu ryiwe hamwe numunyota ko wahise utabwa mukiyaga ubwo ivyo kumuhamba kumugaragaro bikaba bitabayeho.
N’ubwo 2Pac atakiriho haracibazwa n’ubu icihishije inyuma y’urupfu rwiwe. Umwe mu bari inkoramutima ziwe Yafeo Kadafi Fara, wari nomu bari bamuherekeje igihe yaraswa, yavuze ko yari yiteguye gutanga inkuru yose uko imeze kuko niwe yiboneye n’amaso yiwe ababarashe, ariko nyuma y’amezi abiri atangaje ivyo, umuvyimba wiwe waje gutoragurwa i New Jersey.
Bamwe bavuga ko 2Pac yoba yarishwe n’aba Gangstar bagenzi biwe, abandi bakavuga ko yoba yarishwe kubera nyina yoba yarahoze ari umu Black Panthers, ku rundi ruhande hakekwa ko Suge Knight yoba yari yihishe inyuma y’urupfu rwa 2 Pac , abantu kandi ntibashira amakenga itsinda rya Bad boys ryo mu muji wa New York ryari rikuriwe nuwo bita Shown Didikomm. Ibi bakaba babivuga bitewe n’ubwunvikane buke bwari buri hagati ya 2Pac ndetse na Christopher Waless uzwi kw’ izina rya Notorias BIG abandi bati 2Pac yashatse kwigana Elivis Presley ntiyapfuye ahubwo arihishije.
Kurubu nyina yinjiza ama Dollar menshi ndetse kurusha ayo 2 Pac yinjije akiriho biciye mundirimbo yakoze akiriho, indirimbo ndetse na Films bisohoka buri gihe ninavyo bituma bamwe bavuga ko yoba akiriho.
Gusa nubwo abantu bagifise amakenga ko 2 Pac ko yoba akiriho canke yarapfuye, ntibikuraho ko abantu bahora bibuka 2Pac nk’umwe mu bantu bahora baharanira ko ibintu bihinduka muri Amerika aho yipfuza ko abakene ko bobaho neza.
2Pac yagize ati ” Ni gute Reagan (Ronald) atuye muri White House ifise ivyumba vyinshi kuriya hakabaho abadafise aho kuba, yarangiza akavuga ko afasha abatagira aho baba, nimba muri White House hari ivyumba vyinshi bidafise ababiraramwo nibafate abadafise aho baba nubwo baba bake baje kuba muri White House nabo, ariko ntiyobikora kuko adashaka ko bamwanduza”.
Ushatse kumenya vyinshi kuri 2Pac n’iyicwa ryiwe, ushobora gusoma igitabo citwa ‘Killing of 2Pac Shakur’ canditwe na Kevin Scoot kandi nimba ushaka kumenya inkuru nyishi zabaririnvyi bivyamamare, UBM News niho uzoza urazisanga.