Sunday, May 28, 2023
HomeNewsNtibisanzwe : Soma hano igishingantahe ca ''Alice '' yagiye mu Kuzimu...

Ntibisanzwe : Soma hano igishingantahe ca ”Alice ” yagiye mu Kuzimu kwa satani ” ivyo yasanzeyo biteye ubwoba ” Full Story

Incamake yino Nkuru ” Twageze mu kaburi hagati na hagati saa ine zuzuye, kandi mwibuke ko yari yambwiye ngo iwabo batwiteguye saa ine zuzuye, akaba ari nayo mpamvu yantebesha mu nzira, tukagenda twicara agirango bihurirane n’iyo saha tugeze neza na neza mukaburi yaho i REMERA.

Ubwo saa ine zuzuye tugeze ngaho mukaburi ( aho bahamba abapfuye ) , nagiye kubona mbona arahindukiye,arandaba nanje ndamuraba, mbona afise umubabaro mwinshi, arangije arahindukira araba inva yariko umusaraba iruhande rwacu, amaze kuyiraba nanje arongera arahindukira arandaba ariko icagiye kuntera ubwoba cane nuko…………………….

Ino n’inkuru ni ndende cane ” Niyumukobwa Alice aba mu Rwanda ” ivuga ukuntu yagiye mu kuzimu ajanweyo nijini hamwe n’ibintu bikomeye ndetse biteye ubwoba yahuriyeyo, ndagusabe nubwo ari ndende uze kuyirangiza kuyisoma kuko uraza kumenya vyinshi vyihishije bibera hano kwisi.

Nitwa Alice nkaba navukiye mu Rwanda, Navutse mu muryago w’abana 9 mvuka arijewe nd’umukobwa jenyene, Nabashije kurerwa n’abavyeyi banje igihe kingana n’imyaka 10, Mu mwaka wi 1994 iwacu barapfuye, umuryango wacu wose barawica barawumara ariko jewe jenyene nije nasigaye kuko narokotse jenyene.

Mu mwaka wi 1995 naje kubona muvyara wanje yari yatanguye kundera nk’impfuvyi isigaye, uwo muvyara wanje yarandeze igihe gitari gito ariko nari ndwaye indwara yo guceceka, sinavuga kubera ibibazo vyabaye mu ntambara canke se kubera ibibazo nabonye muri Genocide yo mu Rwanda, Ivyo bibazo nabonye vyanteye guceceka cane nkarira sinshobore kuvuga.

Muvyara wanje yashatse ikintu cotuma mera nk’abandi bana, ubwo abona ko kuzontanguza kwishuri ko arico kizotuma nezerwana n’abandi bana nkamenyera ubuzima nk’ubw’abandi, uwo muvyara wanje yatanguye kumbaza ko nshobora kuja kwiga, nanje naramwemereye dufata urugendo tuja kw’ishuri ryari riri hafi yo mu rugo cane, tugezeyo twaje kwinjira mu biro vya Directeur ,nabonye ikintu gikomeye kandi cantangaje ! Nahuye n’umwana asohoka mu biro, asohoka antwengera kandi andamutsa cane nk’uwunzi, Yambajije ijambo rimwe ati Witwa nde?” ndamusubiza nti:”Nitwa Alice” nawe aherako arambwira ngo nawe nyene yitwa Alice, yarambajije ko nje kwiga nanje ndamwemerera ati: Nje kwiga.

Ako kanya muvyara wanje yahise ankwega kuko yashaka gusubira ku kazi, twagiye kwa Directeur aranyandika, andungika mw’ishuri , nsohotse nsanga wa mwana yandindiriye ku muryango arongera arandamutsa , arongera ambaza uko nitwa ndamubwira ngo :” Alice ” arambwira ngo nanje nitwa Alice, ambaza umwaka nje kwigamwo , mubwira ko nje kwiga mu mwaka wa mbere.

Yamfashe ukuboko arambwira ngo tuje mwishuri , Twahise twinjirana turi kumwe, tugezeyo nakomeje kubona ibintu bisa n’ibitangaza kuko nasanze intebe zose zuzuyeho abanyeshuri ariko hariho intebe imwe itariho n’umunyeshuri n’umwe, ubwiwe yambwiye ko ariho tugomba kugenda kwicara kandi ambwira yuko yari azi kw’aringombwa ko nari kuzoja kwiga muri ico kigo kuko ngo nijewe yari arindiriye, Twatanguye ivyigwa turiga ariko kwiga kwanje niga ndi umuswa cane ( Atabwenge bwinshi nfise ) Ariko icantangaza cane nuko mu gihe co gutanga amanota nahora nsanga nagize amanota meza.

Iyo twaja mu bibazo vy’ishuri ( Exams) , naza kubona nkabona urupapuro rwiwe ruraje, nkabona bampereje urupapuro ruriho inyishu zose vy’ibibazo vy’ikizami cose ariwe urundungikiye nanje ngakoporora, twabanye na Alice ariko ashakisha kumenya ubuzima bwanje bwose, ndetse bituma mubwira ubuzima bwanje bwose nta na kimwe nisigarije. Aramenya, amenya imibereho yanje yose, ariko yaza akunda kumbaza ijambo rimwe, iyo twahura yarambaza ngo:” Nikihe kintu cakubabaje mu buzima? Nkamwishura ko mu buzima ari uko nabaye impfuvyi nkiri umwana simbashe kugira igihe co kurerwa n’abavyeyi banje, ico nico kintu cambabaza cane ku mutima wanje.

Alice twarabanye ashaka kumara umubabaro wose nari mfise, akagerageza kuntembereza anyibagiza ivyambayeho mu ntambara,Twabayeho muri ubwo buzima hakaba ubwo yaje kumbwira ko azontembereza muri Week-End, Alice tubana nzi ko ari incuti yanje y’amagara imba hafi, akarushaho gushaka kumenya wese yamara jewe nkumva gushaka kumumenya ntaco bimbwiye, Iyo twaba tutari kumwe numva mfise vyinshi vyo kumubaza, ariko twamara guhura vyose nkavyibagira, twamara gutandukana vyose nkongera nkavyibuka, twakongera guhura vyose nkongera nkavyibagira, kugeza igihe c’amezi atandatu tumaranye niho nahuye n’ingorane zikomeye cane arizo ngiye kubabwira.

Amezi atandatu ashize tumenyanye, Alice yaje kw’ishuri ari mu gitondo, aza mw’ishuri ariko mbona afise umubabaro mwinshi, ageze aho narindi ngerageza kumubaza ikintu camubabaje arambwira ngo ntacamubabaje ahubwo ico ashaka n’uko nja kumutemberera iwabo uwo munsi, Hari umunsi wo kuwa kane kandi twari dufise icigwa cibiharuro, kandi ibiharuro jewe ntavyo numva, Nagerageje kumusobanurira ko bidashoboka bitewe n’uko isomo dufise jewe ko ntaryumva, nawe aransubiza ngo ico ashaka suko ndamubwira ko ntamutemberera ahubwo ico ashaka nuko mubwira ko ndi buze kumuraba . Muri uko kumbwira kwe, yavuze ko yasize iwabo banyiteguriye, ndetse yongeraho ko yasize banyiteguye saa ine ko kuri iyo saha ngomba kuhagera.

Naje kumuhakanira ariko nawe akomeza kunyinginga, ambwira amajambo menshi, naje kuza kwisanga namaze kumwemerera ngo ” ego ndaza kumuraba ” yaratwenze arangije anyaka ikoti ryanje arigereka ku ryiwe hanyuma ahita asohoka yihuta aja mu biro vya DIRECTEUR, amaze kugerayo umwana yararenvye aratitira ahinda umuriro mwinshi no kuvuga biramunanira.

DIRECTEUR abibonye agir’ubwoba bwinshi kuko yasa n’umuntu umaze igihe kinini arwaye, yamubajije ijambo rimwe ngo:” Mbese hari umwana uzi iwanyu ngo kumbure ndamuguhe aguherekeze? Alice aherako aravuga ngo :” Alice twigana arahazi”. Directeur yahise antumako, nanje mfunguye urugi yahise ambaza ngo :” UZI IWABO WA ALICE? ” Ndamusubiza nti NDAHAZI, Ariko uko vyanshitse nkavyemera simbizi ! Yahise anyandikira urupapuro rwuruhusha , aravuga ngo nimuherekeze kandi singaruke nzogaruke kwiga ejo, Navyakiriye neza rero kuko ngiye mfise uruhusha rw’ubuyobozi, Namutwaye nk’umurwayi umaze igihe kinini aremvye kuko uko kuremba nanje vyarantunguye, yamara nariyumanganije ngo Directeur atabona ko nanje vyantunguye.

Twaramanutse duca kuri STADE AMAHORO , buhoro buhoro tunyura aho bita kuri Demarrage, tugera mu GIHOGERE munsi y’Urushengero rwa ADEPR Paroisse ya REMERA, Tugeze neza neza munsi y’urwo rushengero, Alice arambwira ngo nindangiza ndabe imbere, ndabikora sinagira umuntu mbona, Arambwira ngo ninongere mbikore incuro yakabiri , nubundi ndongera ndabikora sinagira umuntu n’umwe mbona, Nawe yarahindukiye ntiyagira uwo abona, arangije akuramwo ikoti ryanje ararimpa arangije araseka, arambwira ngo nagirango ngufate twigendere kuko jewe sinigeze na gato ndwara, vyarantangaje ariko kuko nibwira ko ndiho ntariho iyo nza kuba umunyabwenge mba naritaye kuri ivyo bintu akoze, ariko sinavyitayeho kuko nari narapfuye mpagaze.

Ushobora kugenda kwisi ukabaho nk’abandi ariko yamara warapfuye uhagaze, wewe ukabona ko uriho yamara utariho kuko uba uri umupfu igihe cose udafise amaso akwereka iciza n’ikibi. Ayo maso rero nanje ntayo nari mfise kuko nari narabaye impumyi mu minsi yose namaranye na Alice kingana n’amezi atandatu yose, Kuri uwo munsi Alice yantwaye ubwenge mbona ko ivyo akoze ari ibintu biri SPECIAL ahubwo ko nanje akwiye kubinyigisha kugirango nanje nje mbona uruhusha mu buryo nawe yarubonyemwo.

Twamanutse buhoro, hakaba ubwo tugera ahantu akansaba ko twicara, tukicara ntitugire ikintu tuvugana, ubundi ati :” Duhaguruke tugende, twagera ahandi ati :” Duhagarare, tukabandanya tugenda muri ubwo buryo buhoro buhoro, Naje kwisanga nsanga tuza turi mukaburi ( i Remera ) aho bahamba abapfuye, kuko mukaburi hagati harimwo inzira ija hakurya mu mazu y’ahitwa za ( KIBAGABAGA ), nyene muravyumva twava i REMERA tuja za KIBAGABAGA , nanje nkibwira mumutima ko iyo hakurya za KIBAGABAGA ariho iwabo wa Alice.

Twageze mu kaburi hagati na hagati saa ine zuzuye, kandi mwibuke ko yari yambwiye ngo iwabo batwiteguye saa ine zuzuye, akaba ari nayo mpamvu yantebesha mu nzira, tukagenda twicara agirango bihurirane n’iyo saha tugeze neza na neza mukaburi yaho i REMERA.

Ubwo saa ine zuzuye tugeze ngaho mukaburi ( aho bahamba abapfuye ) , Nagiye kubona mbona arahindukiye,arandaba nanje ndamuraba, mbona afise umubabaro mwinshi, arangije arahindukira araba inva yariko umusaraba iruhande rwacu, amaze kuyiraba nanje arongera arahindukira arandaba, jewe nagize ko yoba ari imva y’umuvyeyi wiwe, nibaza ko hoba hari ico ashaha kubimbwiraho.

Yahise azamuka yurira ku nva ahita aja gupfukama kuri uwo musaraba hejuru yiyo nva iri mu kaburi hagati na hagati, Amaze gupfukama arasenga, ico nzi neza kandi ntashidikanya nuko atasenze Imana yo mw’ijuru kuko ica mbere co yavuze amajambo ntumva, asenga mu rurimi ntumva rutari ikinyarwanda, igifaransa canke se icongereza, Uko yasenga niko nabona arimwo yuzura izindi nguvu nkabona hari nk’ibintu biriko kumupompa , nanje aho ndi nkagenda numva ubwenge bwanje bugenda buhagarara.

Yagiye kurangiza gusenga yahindutse ukundi kuntu ndetse ubona yuzuye izindi nguvu zidasanzwe, Amaze gusenga nagiye kubona mbona arahagurutse, akimara guhaguruka aho yari gusengera uwo mwanya mbona imbere yanje hari ingazi (stairs) iri imbere yanje imanuka aja hasi.

Bene Data, hari abantu benshi ushobora kubwira ko ikuzimu habaho bakaguhakanira ko hatabaho , Nagize incuti mbi rero kuko nibwira ko ALICE yari umugenzi wanje wa hafi yamara ivyo nabonye muri ako kanya vyambereye agahomerabunwa, Kugira ngo wemeze abantu ko ikuzimu habaho si ikintu coroshe uretse ko nsaba Imana ngo yigaragarize abantu bayo ibahishurire ivyinyigeje n’imitego y’umwansi Satani.

Kuva igihe cose nabaniye na Alice ntanumusi numwe yari bwambwire nabi ariko yamara uwo mwanya nkimara kubona ingazi (stairs ) imbere yanje, ako kanya Alice yahagurukanye uburakari bwinshi kuri ya mva, ahita aza ansanga ambwira ijambo ribi n’uburakari, arambwira ngo :” CA NGAHA UBUNYENE UMANUKE !!!”

Yamfashe ukuboko tumanuka twiruka, tumanuka kuri izo ngazi, dukora urugendo rwamaze nk’iminota mirongo itatu twiruka cane nk’abafise ikibakurikiye, Ubwo rero twamanutse tuja ikuzimu hamwe utosobanurira abantuvyoroshe ngo bavyemere , kiretse umuntu uzi Imana wenyene niwe uziko Imana ibaho na Satani akabaho , ijuru ririho n’ikuzimu habaho, ko Imana yakuye Satani mwijuru akajugunywa ikuzimu

Abantu baje kutwakira rero bari benshi, Muri ivyo, ikintu cantangaje nuko ubundi mwisi yose abantu bavuga izina rya YESU, ariko ikuzimu mu nda y’isi nabonye izina rya YESU atari ugupfa kurivuga, ubwo tukigerayo abantu baje kutwakira, ikintu ca mbere batubajije baratubajije ngo :” Mutubwire izina rya wa mugabo uba hejuru hariya ?

Ubwo nariyunviriye izina YESU ndarishaka nanje ndaryibagirwa mu vyiyunviro, nkumva riraje kuza ariko sinryibuke neza, ubundi ryaza nkumva kuryatuza umunwa wanje navyo bikananira, Naje gusobanukirwa kandi ko hariyo ivyicaro bitatu : Hariyo imyuka y’abantu bapfuye, hariyo abadayimoni aribo bamanukanye na Satani ubwo Lucifer yamanuka avuye mw’ijuru, naje gusobanukirwa kandi ko mu kuzimu hariyo icicaro ca gatatu kigizwe n’abantu bazima ( bakomeye batapfuye ) bagiyeyo nk’uko nanje nari nagiyeyo canke ugasanga bagiyeyo batwawe n’abandi bantu canke aribo bitwayeyo.

Ivyo vyicaro bitatu ni ivyicaro bikora mu buryo butandukanye kandi ukigerayo vyose urabisobanukirwa ukanasobanukirwa n’imikorere yabo, Abo bambaza izina rya YESU rikananira nuko bazi ko iryo zina ariryo ryonyene rishakirwamwo amahoro, abo mu kuzimu barashakishije amahoro ariko barayabuze, Nubwo hari abaje kutwakira, ariko ntarukundo nabasanganye kuko nta rukundo ruhaba, ” Dukundana turi abana b’Imana ariko iyo ikuzimu nta rukundo rubayo ahubwo batwaza igitugu, n’iyo mirimo yose nta rukundo bayikorana .”

Batujanye mu kazu gatoya batwicaza ku dutebe twasanzemwo, udutebe tuboshe , twicaye kuri utwo dutebe nje na Alice, Muri ako kazu imbere harimo ama FRIGO menshi, ngiye kubona mbona umwe mu baje kutwakira aragiye afashe isiniya ashiraho icuma kinini cane, uwundi afata iyindi siniya iriho ibikombe binini cane vy’ibirahuri.

Uwambere w’isiniya iriho icuma afungura Frigo ya mbere ndavyemwo imbere mbona harimwo inyama nyinshi n’amaguru y’abantu ndetse n’uduhanga, Ivyo bintu bintera ubwoba mu mutima wanje ariko nyene ndaceceka kuko nta kintu nari mfise co gukora, Uwa kabiri yuguruye iyindi Frigo mbona ibikombe binini vyuzuyemwo amaraso, ubwo ayasuka muri ivyo birahuri bito biri kw’isiniya.

Uko niko baje kutuzimanira nk’uko umuntu azimanira abashitsi , Baraza badutereka imbere, muri jewe ubwoba buranyica ariko ntaho nari mfite ho guhungira kuko amazi yari yamaze kurenga inkombe, Ubwo naje gushiduka nisanga ndiko ndarya nta kibazo za nyama z’abantu , kandi babivuga ukuri ngo :” UGIYE IBURYASAZI AZIRYA ARI MBISI”.

Turangije kurya, Alice yarahindukiye arandaba, nanje ndahindukira ndamuraba kuko nanje ico gihe nasa n’uwuzuye izindi nguvu , ngiye kumva numva arambwiye ngo :” SAWA, BAYIIII…”. Ubwo nyene Alice yarigendeye kandi burya koko nta ncuti yo mwisi kuko amaze kwigendera nasigaye ngaho jenyene kuko Misiyo yiwe kuri jewe yari ayirangije.

Ushobora kubana n’umuntu, ukagendana n’umuntu , ugakorana n’umuntu ubundi ugasangira nawe, yamara ari Dayimoni utabizi, Ushobora kandi kubana na Dayimoni kubera ko udafise gusenga Imana ngo iguhishurire uwo muntu mubana uwo ariwe ukaja kwisanga wageze ku mwobo wiherezo kandi iyo amaze kuwukugezaho akwereka uwo ariwe kuko mu minsi ya mbere agufata neza yamara mu minsi ya nyuma akakwereka uwo ariwe, nanje sinari muzi rero namumenyeye ngaho menya ico arico ko yari amfiteho misiyo kuva mbere nubwo ntari mbizi.

Uwo Alice yamaze kwigendera ubwo nsigara ngaho, mu kanya hahita haza abandi kuntwara bankura muriyo nzu nari ndimwo baja kuntembereza . Bantembereje ahantu henshi ndetse nabashije kubona ibintu vyinshi kuko nje nabashije gukorera Satani imyaka itanu ariko ivyo nakoreye satani muri iyi myaka itanu ntabwo nobivuga ngo mbirangize kuko bwokwira bugaca.

Ivyo nakoze vyose ni vyinshi kandi no mu buto bwanje ibikorwa nakoreye Satani ni vyinshi cane. Ndavugamwo bike rero mu vyo nabonye no mu vyo nabashije gukora. ubwo naratembereye mbona amazu menshi kandi nasanze ari isi nk’iyindi uretse ko ico nabonye gitandukanye no kw isi yacu nuko ho hahora ari nko mukajoro, nko mu gihe ca Sakumi ntibuca ngo habone ahubwo hahora hameze nk’ahaja kwira, nuko nabisanze.

Ubwo rero barantembereje mbona amazu meza, mbona Modeles yinshi z’amazu , mbona n’ibikorwa vyinshi bitandukanye. Muri ivyo vyose, reka mvuge gusa ku nzu imwe yonyene twatembereyemwo tugateberayo: Ubwo twinjiye mu nzu berekaniramwo ibikorwa vya Satani, iyo nzu ngo niy’amateka, twaje kwinjiramwo ariko nimba igira aho igarukira ntavyo nzi, Iyo nzu twayitembereyemwo,ngezemwo nitegereza igishushanyo nasanzemwo mbona ni ica Satani- LUCIFER n’abamalayika bamuherekeje aciwe mu ijuru,hejuru y’ico gishushanyo hariho ijambo riri muvyahishuriwe 12,12 havuga ngo :”Nuko rero wa juru we namwe abaririmwo nimwishime, naho wewe wa si we namwe mwa nyanja mwe mugushije ishano kuko Satai yamanutse afise umujinya mwinshi kuko aziko afise igihe gito kwisi.

Iryo jambo niryo nasanze kuri ico gishushanyo, ubwo naje gukomeza bagenda bansobanurira ivyico gihugu, Naje kubona amafoto y’abantu benshi ndetse bamwe bari mu bikorwa bibwira ngo barakorera Imana yamara bakorera Satani. Umuntu ashobora kuba mwishengero akibaza ko akorera Imana kandi akorera Satani ariko mwene abo ngo muzabamenyera ku mbuto zabo.

Muriyo nzu rero nasanzemwo amafoto menshi y’abantu bamwe bari kwisi, abandi bari ikuzimu mbese ari uruvangi. naje kubasaba bansigurire kuri ayo mafoto kuko nasanga buri foto yanditseho izina ry’uwo muntu, ntabwo rero bamwita izina tumwita kwisi kuko hari abo wasanga bitwa :” MUBESHI”, ba :”MUSAMBANYI” , NDABIMENYEREYE abandi ni ba MAGANYA abandi ni ba GAHINDA … gutyo nasanze ayo mazina ariyo babita.

Nagerageje kubabaza impamvu ayo mazina ariyo babita bansubiza ko ariyo abahesha ayo mafoto kugirango bayamanike muri iyo nzu, Bambwiye ko urugero nimba bakwita MAJAMBO icaha c’amajambo ugahora ucihana ugisubiramwo kikakunanira kukireka ngo ico caha niyo kibahesha ifoto yawe bamanika muri iyo nzu, Ubwo rero abantu bihana babisubiramwo ivyo vyaha bahoramwo bibahesha amafoto yo kumanika muriyo nzu ubwo Ugenzure rero neza utaba uhetse ingovyi umwana yaraguye kera.

Aha Ndabandanya nibutsa ko ivyo ndiko mvuga ko ari ivyo nabonye ntabwo mvuga ivyo numvise, nunyemerera ukumva ibi ndiko ndakubwira bizokugirira akamaro kwIherezo kandi usenge Imana izogusobanurire n’ibindi ntakubwiye kuko hari vyinshi bikiri mu mabanga, Ikindi nagiye kumenya nuko hari abantu usanga baravyaranye namajini, birashoboka rero ko ushobora kuryamana n’abadayimoni kandi akavyarira amezi icenda nk’abandi bavyeyi nta kibazo, ariko wavyara umwana akaba ari uw’umudayimoni.

Uwo mwana imibereho yiwe yose izoba ari iya Kidayimoni, uretse ko azaba afise ishusho y’abantu bazima, Uwundi ashobora gutwara inda , yaja kuvyara akavyara umwuka, canke uwundi yaja kuvyara akavyara igisimba, canke se ibuye canke se agatwara inda ariko yaja kuvyara inda igasubirayo, canke akibungenga imyaka n’imyaka inda itavuka.

Ndi muriyo nzu bambwiye vyinshi ariko naje gusohoka nza gutembera ahantu henshi, mbona vyinshi, Naje kugera ahantu ku mazi mpasanga umudamu uhicaye, Hejuru yari umuntu, ariko ngerageza kureba hasi nsanga ashushanyije nk’ifi, Bambwira ko uwo mudamu ari UMWAMIKAZI wo ku MAZI, bakaba bamwita MAIMUNA ngo akaba ashinzwe gutanga ubukire cangwa se ubutunzi, wewe Uragenda ukamubwira ico ushaka nawe akakiguha ubanje kugira ico nawe agusabve, ntabwo aja apfa kuguhera ubuntu.

Ashobora kuguha agasokozo, canke akatsi canke se akaguha akabuye, ako aguhaye akakubwira ngo genda ugakoreshe gutya na gutya , uzabona ico wansavye mu gihe wagisabiye,ikindi naco hari igihe mushobora kubonana mu gihe ca mbere, akaguha igi akakubwira amajambo uzoja uvuga iyo ugeze kukiyaga, hanyuma igi ukarinugamwo mumazi hanyuma nawe agahita aza akagutwara, ubwo iyo iba ibaye nka Transport.

MAIMUNA rero uwo nguwo namugezeho turavugana, turaganira kuko ico gihe twagiranye ikiganiro kinini , ndetse yampaye ikaze mu mazi twinjira mu mazi tuja kuraba ibikorwa akorera iyo mu mazi,Twahingukiye ahantu ha mbere hari abaririmvyi barimwo baririmba indirimbo nyinshi, abandi barimwo gucuraranga.

Haba kwisi ndetse n’ikuzimu , no mw’ijuru umuririmvyi wa mbere ubaho ni SATANI kuko n’ubu impano yiwe yahawe n’Imana aracayifise nubwo idakoresherezwa Imana. Kugeza n’ubu rero hari abamanuka bakaja ikuzimu kwigayo amajwi, bagaruka bakaza kuyakoresha kwisi.

Abo baririmvyi rero nabasanzeyo , ikibazo s’Impano canke ikibazo s’ukuririmba, ico nobabwira nuko impano ntaho ihuriye n’agakiza, kuba umuntu aririmba cane ntibivuze ko akijijwe, Bibiliya ariko itubwira neza ko tuzabamenyera ku mbuto zabo.

Twaje gukomeza tugera ahantu hari hateraniye uruvyiruko, bari barimwo kwiga imvugo zigezweho baza kwandurisha isi, izi mvugo twita ama ” TERMES “. Abo bantu twasanzeyo bavuga imvugo zitandukanye nk’urugero nabaha nabashije kumva bavuga ngo : NDAGASWE, bavuga ngo : AMACENSI (CHANCE) ibindi ngo KUVAHASI n’ibindi…ivyo vyose hariya bikaba bifite ico bisobanuye, abagiye kuvyiga bakazamuka bakavyandurisha isi, abandi bavyumva bakabivuga bavyigana batanazi ico bivuze, Twirinde rero umuntu naja kuvuga abanze agaruze ururimi rwiwe incuro indwi mu kanwa, amenye ko iryo jambo rinogeye Imana n’abo aribwira.

Twaje gukomeza tugera ahantu hari abakobwa beza, batozwa na MAIMUNA, ku buryo bw’umubiri nabona ari abakobwa beza kandi bafise igikundiro,ariko ni abadayimoni, Abo bakobwa bashenye ingo nyinshi mu minsi ya none cane cane ingo z’abakristo, Abo bakobwa nibo bazanye imyambarire twita igezweho , ni nabo bazanye ibibazo vyinshi murwaruka.

Ico gihe njayo nasanze bari kwitoza uko umunsi wo kuwa Gatanu bazaja baja muri Salon de Coiffures ndetse bakaja mu nganda kuzana impuzu, kuwagatanu saa kumi n’imwe bose bagaca baduga kwisi bakaza kuyovya abantu , bakaguma kwisi kugera kuwa mbere mu gitondo bakamanukana Raporo y’ivyo bakoze muri Week-End yose.

Abo bakobwa nabashije kumenya imyifatire cyangwa se imyitwarire yabo nsobanurirwa n’uburyo bakora hano ku isi, Bashobora kumutwara bakamutuma kumuntu runaka nko mu rugo rw’Umukristo cane cane umwe akijijwe uwundi adakijijwe, akaba yakwihindura nk’ishusho y’umugore ufite umugabo asanzwe azi, kugirango agushe uwo mu rugo, canke agacunga nk’umugabo yagiye muri Missiyo yasize umugore mu rugo, wa mukobwa akihindura ishusho y’uwo yasize mu rugo,wa mukobwa akamushukashuka bagasambana.

Bariya bakobwa baza hano kwisi bafise misiyo zitandukanye bahawe, cane cane mu rwaruka nibo bashinzwe kugusha abasore mu vyaha cane cane nk’abo bahurira mu mazu bavyiniramwo canke se bariya baba bateze ku mihanda, Aha ariko ico nobabwira nuko abatega bose canke se abaja mu Ruvyiniro :”NIGHT CLUB” bose si abadayimoni, muribo habamwo n’abantu bazima ariko ico nobabwira nuko muri barya mubonayo haba harimwo n’abadayimoni kandi kubatandukanya n’abandi bantu basanzwe ntiwobimenya.

Ntabwo ushobora kumuraba amaso ku maso ngo umenye ko ari umudayimoni igihe cose udafise andi maso y’umwuka, igihe udafise imbaraga z’umwuka Wera, gusa uzabimenya kw’iherezo kandi akenshi abo bakobwa ntabwo bagira ibirenge bizima, ushobora kumubona yambaye urukweto rwiza ariko yarukuramwo ugasanga nta kirenge afise ari akajanja k’inkoko.

Abo bakobwa rero nabizeho vyinshi, kandi nigishwa ko aribo bazana imyambarire igezweho hano kwisi, nibo bazana za MINI-JUPES n’ izindi mpuzu tubona , abakristo rero babibona bakavyigana ngo n’ibigezweho, ikindi naco nuko abo bakobwa bafite misiyo ndende cane hano kwisi, na cane cane mu rwaruka ngo baruteshe inzira ija ku Mana.

Nabonye ibikorwa vyabo, mbona n’uburyo babatuma, ukuntu baza gutwara imitima y’abantu hano ku isi, akaza akaba yahahurira n’umusore mu nzu bavyiniramo, bakaba bahana gahunda akamucura, yamugeza mu rugo akaba yamubagamwo umutima akawutwara,uwo musore agapfa undi agatwara umutima wiwe, akarorero nuko ushobora guhura n’uwo mukobwa ukamusoma gusa, vyanga bikunda agucira mu kanwa,wewe igihe cose uzocira hasi ikuzimu haba hari uruziga rw’abadayimoni uhita umanukiramwo ukikubita muri rwa ruziga bakagufata bakakuboha, ushobora kandi kutamanuka ariko ivyiyunviro vyawe n’umutima wawe bikamanuka, bakabifata bakabiboha, barangiza mu mwanya wa wa mutima muzima bakohereza undi mutima.

Bashobora kandi kurungika umutima w’ubusambanyi canke se impwemu y’ubusinzi,cyangwa se umwuka wo kubesha mu cimbo ca wa mwuka muzima bakohereza undi mwuka wa Kidayimoni, ugasanga umuntu twabona ari muzima bahise bamwica ahagaze ugasanga uwo muntu ariho atariho yarapfuye ahagaze.

Uwo mukobwa ashobora kugera mu rugo rw’abantu bubatse akarusenya rwose akoresheje umugabo, Azabanza yikundishe ku mugabo, babanze bakundane, igihe cose amwinyuze imbere, ntazabura amajambo amubwira, agende amukamuramwo urukundo yakundaga umugore wiwe, kugeza kw;iherezo ubwo wa mugabo azata urugo rwe akaja kwibanira na wa Mudayimoni aho aba.

Ashobora kugerayo bakabana mu minsi ya mbere bakabona ni vyiza ariko mu minsi ya nyuma akamwereka uwo ariwe, amwereka uwo ariwe iyo amaze kurya imyenda ayimaze, akarya urukweto arumaze, iyo amaze kumwirukanisha kukazi, agasiga amuhinduye mayibobo nk’abandi bose, ubwo nibwo amwereka uwo ariwe yarangiza akaba yanamuta munzu akigendera canke akaba yonamwirukana, Abo bakobwa rero nasanze bafise misiyo ndende hano kwisi.

Naje kuva aho mu mazi, nganira na MAIMUNA banyereka ibikorwa vye, Bambwiye gusa ko ataza apfa kuguha ikintu ciwe ku buntu, iyo mumaze gukorana amasezerano umanutse unyuze mw’igi agera aho aguha imiti ibiri: Aguha umuti wo kwihindura ifi, akaguha n’umuti wo kwihindura umuntu, Wagera ku nkombe ugafata uwo kwihindura ifi ukawisiga ugahita ugenda mu mazi, wavamwo ugeze ku nkombe ugafata uwo kwihindura umuntu ukawisiga, ukisubirira mu vyawe, ugasubira mu kazi, ntihazagire numwe umenya ivyabaye.

Iyo wamaze kugera kuri urwo rwego kandi rwo gukoresha iyo miti agira ico agusaba , hakaba ubwo akubwira ngo ntuzongere kuvyara ico nico tugusaba kugirango tuguhe ubutunzi bwacu, canke ngo turashaka ngo utange umwana wawe ukunda cane yaba imfura canke se umuhererezi kugirango tuguhe ubutunzi, canke se tuguhe ayo mazu n’ayo mamodoka n’ayo mafaranga ushaka canke ati:” ntuzigere urara mu nzu ahubwo uzubake akazu gato mu gikari(annexe) azabe ariho uzaja urara, canke ati:” uzagira ubutunzi ndetse n’icubahiro ariko ntuzongera kurya inrya zikaranze ukundi ahubwo uzaja urya ibiharage n’ibijumbu urenzeho amazi.

Muri make rero nta butunzi bwo mu mwijima niko Uwiteka avuga , uzabirebesha amaso ariko ntuzabifataho kandi uwabiguhaye nawe azagira ico agusaba, Naje gukurikirana ivyo kwa MAIMUNA nza kugera igihe co kuhava ariko maze kuhava bagiye kumpa akazi ko gukora akaba rero ari navyo ngiye kubabwira.

Naragiye nja aho bari banteguriye gukora, nasanze bateguye ko ngomba kuba umukozi wo mu ruganda rukora ama Produits canke se amavuta anyereza umushatsi, Nagiye muri urwo ruganda ntangura gukora dore ko nokugirango mbimenyere bvabanje kuntonda kuko asanze bakora ayo ma Produits mu buryo budasazwe . Iyo uruganda rwaba rwashomye, vyaba ngombwa ko bohereza kwisi imyuka yo kwica bakaja mu ma HOSPITAL bakica abana b’impinja mu mago y’abantu abavyeyi batwite bakabakuzamwo amada , abana bavutse bakabaheza umwuka.

Sa sita y’ijoro yaba ari isaha y’abadayimoni , kuja mukaburi aho bahamba abapfuye kuzana ya mibiri yab’abana kugirango babazane ku ruganda, ico babakoza babashikanye canteye ubwoba nuko babageza ku ruganda bakabanza kubakuramwo ubwonko , bakabukoramwo amavuta atukuza canke se ahindura uruhu , barangiza ibisigaye bakabishira mu mashini, bagasya, bagateramwo amarangi bakavanga n’ibi produits chimique ubundi bagakoresha Telefone yaho ku ruganda rukora ibikombe bakazana ibikombe.
Iyo naba ndimwo ndashiramwo Produits, nta gikombe nashiramwo produits handitseho ko vyakorewe i kuzimu , wasanga vyanditseho ngo :’MADE IN CHINA, MADE IN USA n’ahandi hose, kuko ntibari kwandikaho go MADE IN KUZIMU kuko nta wari kuyigura.

Nakoze muri urwo ruganda igihe kingana n’iminsi 7, ku munsi wa 7 nibwo bakoze inama y’inshishi n’ibikeri. Iyo mvuze inshishi n’ibikeri hari ico mba mvuze Nasanzeyo imiryango ibiri, nasanzeyo umuryango wa ( Freemasonry) ndetse n’uwa ROSE CROIX. Iyo miryango ni imiryango ya Gishetani ikorera kwisi kandi n’ikuzimu iyo miryango ibayo.

Iyo miryango ya gishetani ni imiryango ikomeye nasanze ikuzimu ubanza kujya mu muryango wa Rose Croix kugirango ubone imbaraga zo kuja mu muryango wa Freemason. Mbere yo kujya mu muryango wa Rose Croix ubanza kurahira indahiro zitandatu, wamara kujamwo, kugirango uvemwo uje muri Freemason nabwo ukarahira izindi , ubwo zose hamwe zikaba indahiro 12.

Iyo umaze kurahira zose rero uhabwa ubushobozi bwo kwihindura ikintu cose, ubwo gukora ikintu bidasanzwe mu gihe cose ushaka. Iyo umaze kurahira indahiro ya Rose Croix baguha umusaraba ucuramye kandi utukura, Muri uwo musaraba niho ukura inkomezi.

Iyo urangije izo ndahiro zose ubwo uba ubaye umurozi ku rwego ruhanitse kandi burya buri gihugu cose kiba gifise umurozi n’umupfumu ugihagarariye: kandi abo bose Raporo yabo batanga ikomeza kuzamuka mu nzego kugera bigeze ku rwego rw’Uhagarariye ROSE CROIX ku rwego rw’igihugu ari nawe ubonana na Lusiferi imbona nkubone, kuko kubonana nawe si ibintu vyoroshe.

Umuryango wa ROSE CROIX rero ukorera hano kwisi kandi ugakora mu buryo bw’amayoberane. Ushobora kuza ufasha impfuvyi, abapfakazi n’abababaye ariko ari mu buryo bw’amayoberane. Reka turabe ico Bibliya ibivugaho mu b’Anyefeso 6,12 haravuga ngo :” Kuko tatarwana n’abafise inyama n’amaraso ahubwo turwana n’abafise ubushobozi n’imyuka yo mu kirere y’ahantu ho mw’ijuru”

Iyo umaze kurahira izo ndahiro muri Freemason baguha ubushobozi bwo kwihindura ibi dusomye mu banyefeso, ukihindura umwuka mubi, nkakarorero waba wagiye ahantu wagavye ibitero ukaba wokwihindura umuyaga bakakubura bakuraba.

Iyo ugeze ku ndahiro ya 12 uhabwa ubushobozi bwo kwihindura umuntu, waba ushaka urugero nko kugusha umugore ugacunga umugabo wiwe yagiye muri Misiyo ukaza ukihindura isura ya wa mugabo ukaza mu buryo umugore ataza kumenya ko uri uwundi muntu, ubundi akakwakira nk’uko yakira umugabo we bwite, Mu muryango rero wa Freemason ni umuryango ukomeye mw’isi y’umwijima, kuko aba FREEMASON bakoresha ikimenyetso c’inyenyeri ifise amahembe 12 bakaba bayita ngo ni ZODIAK

Iyo nyenyeri rero niyo ibaha inguvu zo gukora ivyo bashaka gukora. Umuryango wa FREEMASON rero ni nk’ikidini kinini gifise imbaraga gishaka mu migambi yaco ko amadini yandi aterana agakora idini rimwe, Ntabwo rero kandi aba FREEMASON bakora mu buryo biyerekana nk’aba Shetani ahubwo ni abantu bakora bitwaje Bibliya kuko ari abantu baba barize cane bakamenya ijambo ry’Imana kuva mw’Itanguriro kugera mu vyahishuwe.

Ibi rero babikoresha mu buryo bwo kuyovya abantu ariko bitwaje ijambo ry’Imana, Aba FREEMASON rero ni abakozi ba Satani bamukorera bitwaje Bibliya, Niyo mpamvu amadini agenda avuka ari menshi tubona, kandi n’ijambo ry’Imana ribivuga neza, ariya madini agenda avuka akaza yigisha ijambo ry’Imana harimwo na ya bene iriya miryango ya FREEMASON agamije kuyovya abantu kuko Bibliya n’inyanja ishobora kukuroha canke kugukiza, Uyisomye nabi ishobora kukugeza ku marembo y’urwobo rw’Ikuzimu naho uyisomye neza ikaba yogushorera ikakugeza ku marembo y’ijuru, Uko niko rero aba FREEMASON baza bitwaje Bibliya ari abakristo, bigisha nk’abakristo ariko bafise ahandi bakura inkomezi.

Hari inama mukuzimu bakoze bo ubwabo aho bemeranije ko bagiye gukora ba ALICE babiri bahagarariye umuntu umwe. Murabizi cane rero ko ishusho y’umuntu w’imbere aribwo bugingo, hakabaho n’umubiri tubona ariwe Muntu w’inyuma, Ubwo rero ubugingo n’umubiri biratandukanye, muri ico gihe rero muri iyo nama ubugingo bwanje canke se umuntu wanje w’imbere bamunkuyemwo baramusigarana ubundi bamwambika ishusho ya Kidayimoni ariko jewe ndabona tubaye abantu babiri kandi mu muntu umwe.

Muri ico gihe rero hakozwe inama hemezwa yuko iyo Dayimoni ihawe ishusho yanje ko igomba kuduga kwisi igakora imirimo nakora yose, nimba ari ukwiga ikiga, ndetse n’iyindi mirimo yose nakora yo mu rugo ikagenda ikayikora kwisi, hanyuma Alice w’imbere nawe akaguma yo mu mirimo, Ubwo nyuma y’iyo myanzuro Inama barayisoza.

Iyo Dayimoni rero ubwo yahise izamuka, aho nanyuze ngenda ni naho nayo yanyuze igaruka kwisi, yinjirira mwirimbi rya Remera, uko nahanyuze ku murango saa ine Uko niko nahanyuze ngaruka ariko nyene ngaruka ndi Alice wundi udasanzwe, Ubwo naragarutse nsubira mu muryango wanje ariko muravyumva neza ko ari Dayimoni yari isubiye mu muryango wandera yambaye ishusho yanje kuko ubugingo bwo bari bamaze kubusigarana.

Nageze mu rugo, bari bampaye imiti mbatera ngo mbibagize aho naba, Nageze mu rugo mpura na mubyara wanjye ( Mwibuke aho ko nari Dayimoni ” Ijini ” ) tukimara guhura yaraje ashavuye cane agiye kumbaza aho naba n’umujinya mwinshi ariko, mpita mutanga ya miti, ngiye kubona mbona aramwenyuye aransekera arambaza ngo : ” Alice,Waba he? ndamubwira ngo :” Naba kwishuri”.

Ivyo ntiyabitindaho kuko nari namaze kumutera ya miti , ahita avuga ngo:” SAWA ja mu rugo ntugire ikibazo.” Ivyo ariko abivugana ubugwaneza bwinshi ariko Nyamara kandi ubwo ntiyabitinzeho kandi yari azi neza ko kw’ ishuri nta munyeshure aharara, ntiyankurikirana ngo ambaze kubera imbaraga nari nzananye ndetse nimiti nari namushizeho.

Ubwo rero nasubiye mw’ishuri ndiga ariko ngira imyitwarire idahuye n’iya mbere kuko nkimara kugera ku kigo babonye imyitwarire yarahindutse cane kuko nagarutse ndi umuhanga uteye ubwoba, Hari ubwo Profeseri yigisha ndi mw’idirisha canke ntahari ariko naza yatanze interrogation canke Examen nkabitsinda kuko naba nabonye ivyo yateguye. Igihe cose naba ntahari umwuka wanje ukaja kuraba ivyo yateguye akaba arivyo niga gusa. (Ibi rero bija guhura na bimwe vya mbere ukuntu Alice yaja anyoherereza urupapuro ruriho ibisubizo, nawe buriya yaba yabibonye kuko ubwo bushobozi yari abufite )

Ivyo vyarabayobeye, ku buryo vyageze n’aho abayobozi ukuntu niga birabayobera bakagera ubwo bankorera amanama nk’aba Prof bagakora amanama bagatumira Directeur ngo bige ku kibazo canje, ariko umwuka wanje akaza mu nama akaba ariwe uyiyobora mu buryo butagaragara, Ubwo namara kuhagera bakabura ivyo bandega bagasubiranamwo , kuko nari umwana uzi ubwenge kandi uhora acecetse.

UKO NAHAMAGAWE NGO NJE KURAHIRA Hamwe nukuntu naje Kugaruka kwisi !
Igihe carageze biba ngombwa ko nja kurahira, Baje ari mu gitondo baza kuntwara, mbona banyubashe cane. Baramfashe banshira mu modoka kuko uko tubona hano kw’si n’ahandi niko bimeze, Ubwo twageze aho ngomba kurahirira bampereza igikombe c’amaraso , bampa n’inyama mu ntoki, bampa n’urwandiko ngomba gusoma ruriho iyo ndahiro.
Nagomba kuvuga ngo :” Mwami w’abami, ndaje nje kugukorera amasaha 24 kuri 24, aho uzantuma hose nzajayo, ico uzantegeka nzagikora, mu gihe gikwiye n’ikidakwiye. Narangiza nkarya kuri ya nyama nkanywa no kuri ya maraso, ubwo nkaba ndangije indahiro ya mbere.

Nararahiye iyo ndahiro maze kuyirahira, bankoreshereza umunsi mukuru, nsubira mu kazi ndakora.Ariko kuko buri wese ubayo aba yandikiwe inkoni agomba gukubitwa ku munsi, uwagiye ari umupagani atazi Imana aba yandikiwe inkoni 25 ku munsi, uwagiye ari akazuyazi ari hagati na hagati aba yandikiwe inkoni 50, uwagiye afadika mu gakiza nkakarorero akagira ingorane agahura n’akantu gato kamutandukanya n’Imana akisangayo akubitwa inkoni 100 ku munsi zitavuyeho n’imwe kandi ari nako bamucunaguza cane.

Nakorewe igitangaza : Nubwo nari maze kurahira izo ndahiro zose, umusi umwe nryamye narabonekewe : N’abonye umuntu aza arambwira ngo : Waratoranijwe, yanfashe ukubobo arambarira ngo ubu ugiye kubohorwa, ibuka ko ivyo jewe nabibona nkaho ndiko ndarota ariko igitangaje cane nuko koko naje kwisanga ndi kwisi ntakiri ikuzimu.

Ico cari igishangantahe ca ” Alice ” twashimye kubacishiriza hano kuri UBM News ” UKIRANGIZA GUSOMA kino gishingantahe, udusigire ibitekerezo muri ” Comment ” Nimba kandi ubona ko hari abogisoma kikabagirara akamaro ” ntiwibagire kukigira ” Share ” abandi bakibone ndetse bagisome” Irengagize ijwi rya Satani ryoba ririko rirakubuza ngo ntukirungikire abandi bagisome ” kano kanya hita ugira ” SHARE ” kuri Facebook ukirungikire abagenzi bawe bose.

Must Read