Mubona gute hamwe twogira urunani rukomeye mwese mukunda umuziki w’uburundi mukuwushigikira co kimwe no gushigikira abaririmvyi bacu b’abarundi ?
Raba ibintu wokora kugira uteze imbere umuririmyi w’uburundi
———————-
1. kubakomera induru nyinshi cane mubiteramo bazoba batumiwemwo bahujwe n abarimvyi bazoba bavuye mu bindi bihugu!
2. kutaja mubiteramo abaririnvyi b’abarundi bazoba batatumiwemwo.
3. kuvuza mu mazu ,ama telephone , ama Computer yanyu, amamodoka ,ububare bwanyu indirimbo ndundi gusa, ( Ringtone ) kumatelephone yanyu abe ar’indirimbo z’abarundi gusa.
4.Kuwukunda cane bimwe birenze urugero hamwe no kuwuha agaciro
5. kubakoresha mu matangazo y’ibidandazwa vyanyu ivyo rero bikazotuma mwese muterera imbere kuko buriya ijwi ry’umuririmvyi rigera kure
6.kwama twitwararika twongera twubaha akazi bakora
7. kugura CD zabo original
8. Kwitabira ibiteramo vyabo cane ndetse tukararika abantu benshi
9.kuguma ubakurikirana igihe baba bari mu mahiganwa akomeye hirya nino muri africa canke mu makungu yose kuko bigira ishusho nziza ku gihugu cawe (BURUNDI) bukamenyekana
10. kumenya gutandukanya izina ry’umuntu n’ibikorwa kurya tumenyereye abarundi bakunda umuririmvyi ngo yatanguye kera mu gihe haba hari benshi bamurusha ubuhing n’ibindi ivyo bigatuma hataboneka abaririmvyi bashasha kuko buriya uriya uba ushigikira cane ngo nuko ari uwa kera aba ariko arasaza hakazogera aho bimwankira ata bamusubirira gutyo muri iyo myaka umuziki ukamanuka mugasa nabatanguye gushasha.
ivyo bibaye nta nkeka umuziki w’uburundi uzotera uja imbere ariko wewe urabona ari igiki cokorwa kugirango umuziki w’abarundi ukomeze utera imbere ?