Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsNtibisanzwe : Muri Kenya Umukobwa avuga ko amaze kwanduza umugera abantu 324,...

Ntibisanzwe : Muri Kenya Umukobwa avuga ko amaze kwanduza umugera abantu 324, wunvise impanvu iratangaje ” soma Hano

Umukobwa yiga muri kaminuza yo mugihugu ca Kenya avuga ko amaze kwanduza umugera abantu 324 muntumbero yo kwihora kuko bawumwanduje batabivuganye bahengereye yaborewe kandi ngo umugambi afise ni uko yokwanduza abantu n’imiburi buri 2000.

Uyu mukobwa w’imyaka 19 yiga muri kaminuza yitwa “Kabarak” mu gace ka Nakuru mugihugu ca Kenya ngo yandujwe uwo mugera n’umuntu yitwa Javan .Ubu ngo ari mungwano yo kwihora kuko nawe ngo ntiiyawuvukanye kandi intumbero afise ngo ni uko n’imiburiburi yowuhereza abantu 2000,ni mugihe amaze kuwanduza abahungu n’abagabo 324 bamaze kuryamana nawe.

Uyu mukobwa atashatse ko amazina yiwe amenyekana avuga ko yayanduye kwigenekerezo rya 22 nyakanga 2013 .Arikumwe n’abandi banyeshure ngo bari bagiye gutamba munzu imwe yubutambiro mugisagara hanyuma baranwa baraborerwa.Mugatondo yikanguye ngo yasanze yararanye n’umuhungu yitwa Javan hanyuma yisanga batakoresheje agapfuko,ariko ngo abajije uwo muhungu yamubwiye ko akomeye.Amaze kuja kwipimisha ngo yasanze yaranduye ari nako guca afata uwo mugambi ugayitse wo kwanduza abandi.

Muri abo 324 amaze kwanduza,156 ni abahungu biga muri iyo kaminuza nawe asanzwe yigamwo,abasigaye nabo ni abigisha,abashingwamanza,abastars,abanyapolitike hamwe n’abandi bantu basanzwe ariko bafise abagore bubakanye.

Avuga ati:” Pas un jour ne passe sans que je ne couche avec un homme, la plupart du temps 4 personnes par jour.”Mukirundi bishatse kuvuga ko atamusi numwe uhera ataryamanye n’umuntu mbere ngo hari n’igihe bishika akaryamana n’abantu 4 kumusi kandi urwo rugamba ngo ararubandanya .

Mukurangiza agira ati:“je sais que je suis séduisante et les hommes mariés ou pas me pourchassent de gauche à droite.” Ati:” ndi mwiza ari nayo mpamvu abubatse n’abatarubaka usanga baguma banyiruka inyuma”.

Ico ngo nico kimwizeza ko uwo mugambi wo kwanduza abantu 2000 uzomworohera.

Sources : Afrifame

Must Read