Mugisagara ca Lagos,umurwa mukuru wa Nigeria mundwi twaraye turangije habaye ibintu bisiga ubwenge kuko inyoni yariko iraguruka mu kirere nkuko bisanzwe ariko iguye hasi ica icika umukecuru
Umuntu yitwa Emeka aba mugace ka Ajejunle mugisagara ca Lagos,umwe mu babonye ico gitangaza avuga ko yari yicaye imbere y’urupangu hanyuma ngo muri ako kanya abona inyoni 3 zariko zirakinira mu kirere, ngo akaguma atwenga uburyo zibikoramwo yibaza ko ari bimwe bisanzwe aho usanga inyoni zibitsina bitandukanye usanga ziriko zirakina.Haheze akanya imwe muri zo ngo yaciye igwa ku modoka hejuru iriko iragenda ariko zigenzi zayo zozo ngozabandanije urugendo.Igitangaza cabaye nuko ngo yahavuye iva kuri iyo modoka yamaze kwihindura umuntu(umukecuru).
Amakuru dukesha ikinyamakuru Leadership co muri Nigeriya avuga ko Uwo mukecuru ngo yahavuye abwira abantu bashwabadutse baje kuraba ico gitangaza ko asanzwe ari umupfumu yamuka ahantu hitwa Ibadan,muri uwo mwanya ngo yari aje ava mu nama mugisagara ca Lagos .Yabandanije asobanurira abari ngaho ko icatumye akoroka ari kubera ko mukirere bari babuze inzira kubera hataona neza kandi ngo yarasanzwe anarushe cane.Izo nyoni zabandanije urugendo yavuze ko ari bagenziwe bari bavanye muri iyo nama,ibi vyose akaba yabibabwira mururimi rwiki yoruba gikoreshwa ngaho muri nigeriya.Igipolisi ngo caciye kiba kiramugumije muntumbero yo kumukingira kugira abantu ntibahave bamwica.
Sources : Afrifame