Sunday, May 28, 2023
HomeNewsBwa buhanuzi bukomeye bwa Damascene Gakwaya bwatanguye gushika, Ubu CNDD-FDD Ishobora gusambuka.

Bwa buhanuzi bukomeye bwa Damascene Gakwaya bwatanguye gushika, Ubu CNDD-FDD Ishobora gusambuka.

Mu mwaka uheze wi 2014, hari ubuhanuzi bamwe bise ubwibinyoma abandi babufata minenerwe , yamara ivyo uno mugabo yavuze murino video turabona ko bisa nkaho biriko birashika.

gakwaya-2

Murino video uyu mugabo we avuga ukuntu urupfu rwa Prezida Nkurunziza ruzogenda, ukuntu adolphe ariwe azomugandagura ndetse n’ukuntu aba CNDD-FDD bazosubiranamwo, ivyo navyo rero akaba arivyo vyatanguye kwibonekeza aho aba CNDD-FDD bakomeye muruno mugambwe baraye birukunwe mumugambwe ivyo navyo bamwe bakaba bavuga ko bishobora gutuma umugambwe ucikamwo ibice mugihe atocokorwa.

Mu munsi iheze mwarumvise inkuru yavuga ko Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ko umutekano wiwe woba utifashe neza, ayo makuru yatangajwe na Bujumbura News nkuko yabivuga yo yemeza ko uwahoze arongoye iperereza Adolphe Nshimirimana kwariwe ashaka kugandagura umukuru w’igihugu c’Uburundi, murumva rero ko bwabuhanuzi bwa Damascene Gakwaya busa nkubwatanguye gushika.

[youtube id=”ZFsZNCMxEEw” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]

URUPFU RWA PRESIDENT PIERRE NKURUNZIZA

Urupfu rwa President NKURUNZIZA turusanga muri:
– DANIYELI 5: 25-30

President Nkurunziza azapfa ate?

1. Imana izamuteza gusubiranamwo n’aba CNDD bagenzi biwe.

2. Azicwa na General ADOLPHE

3. President NKURUNZIZA amaze gupfa, General ADOLPHE na Equipe y’abapolisi yiwe, n’abicanyi bateguranye Genocide, n’interahamwe bazashaka gutwara igihugu ariko Imana izabarimbura.

Adolphe-Nshimirimana

Uyu ni Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rwi perereza ( Secret Service )

4. Abazungu bazashaka kwimika Buyoya n’agatsiko (akarwi) kiwe. Imana irambwira ngo agatsiko kiwe n’agatsiko gakomoka i Bururi, Imana ntikigakeneye ikeneye ko Uburundi buyoborwa n’abakristo. Ako gatsiko Imana izakarimburana na BUYOYA

5. BUYOYA azapfa aje kwima ingoma ubugira kandi. Imana ntiyamunezererewe kuko akorana n’i kuzimu, kandi akaba yarashigikiye ubutegetsi bwateguye Genocide i Burundi kuko nawe ari umwicanyi nkabo kubera yanka ko ibyaha byiwe biboneka ngo bijye m’ubucamanza hamwe nabo bantu. Ibyaha byabo banka ko bijya m’ubucamanza. Niyo mpamvu bazica President NKURUNZIZA kubera hazaba hari ibyo atumvikanyeho nabo.

6. Intambara y’Uburundi izahagarikwa n’uwufise ipete rya Sergent Major. Uyo musoda n’umukristo. Azayobora Uburundi igihe cy’umwaka umwe, amaze kuyobora umwaka umwe azimika abakristo kugira ngo batunganye igihugu cy’Uburundi

7. Ibyo bihejeje, azatanga ubutegetsi mu banyapolitike. NYANGOMA azaba mu banyapolitike bazaba batapfuye.

8. NYANGOMA, abanyapolitike bazamushiraho ayobore Uburundi ibiringo bibiri.

9. Hanyuma y’ibiringo bibiri azasubiza ingoma wa MUKRISTO.

10. Uyo MUKRISTO azayobora nk’Umwami, nka Dawidi, ubutegetsi bwiwe buzasozwa n’igihe azasazira, ntabgo azarya atorwa.

11. Nta matora azongera kuba mu Burundi.

[youtube id=”w1rm39buSNg” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]

Ese wewe uremera ko buno BUHANUZI bwa Damascene Gakwaya aribwukuri ? gira ico ubivuzeko

Must Read