NEWS

Ntibisanzwe: Ama grenades yatanzwe nk’amashikanwa!

on

Ibitaraboneka mu mashikanwa atangwa mu mashengero mu Burundi, eke mbere no mw’isi  aho habaye abantu bashikanye ibiharage bivanze n’ama grenades mw’ishengero rya katolika rimwe ryo mu ntara ya Kayanza, mu buraruko bw’Uburundi.

Nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi w’igipolisi mu Burundi, Pierre Nkurukiye, Ibisasu ntezwantoki bibiri (Grenades) nivyo vyatowe kuri paruwasi Musema iri k’umusozi Kiryama muri komine Butangazwa mu ntara ya Kayanza ku mugoroba wo kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Ruheshi 2019 igihe c’isaha cumi n’imwe n’inusu.

Nkurikiye avuga ko ivyo bisasu ntezwantoki vyatanzwe n’abakirisu batamenyekanye mu gihe co gutanga ishikanwa. Bazishize mu biharage bashikanye igihe c’imisa.

Nkurikiye avuga ko ivyo bisasu bikomeye kandi vyaciye bitangwa mu minwe ya komisariya yo muri komine Butaganzwa kandi amatohoza aza yatanguye kugira abatanze ivyo bisasu babicishije mu biharage bashikanye bamenyekane.

Recommended for you