Abarundi baba mu gihugu c-ububirigi hamwe no mu micungararo yaco baratunganije imyiyerekano kuri uyu wa gatandatu i Bruxelles mu bubirigi ku cicaro gikuru c-umuryango w-ubumwe bwa buraya mu ntumbero yo kwiyamiriza ubwicanyi n-ayandi mabi akorwa n-intwaro ya Perezida Ndayishimiye . Mw-ijambo ry-uwo musi, Uwahoze ari icegera c-umukuru w-igihugu c-uburundi , ari mu bitabiriye iyo myiyerekano, Frederic Bamvuginyumvira yamenyesheje ko ata barundi bigeze banka umugambwe CNDD-FDD ko utwara , ico banse ni intwaro mbi iryanisha abarundi igahonyanga n-agateka ka zina muntu .
Mw-iyo myiyerekano yatanguye kuva isaha indwi gushika isaha icenda y-i Bruxelles, Frederic Bamvuginyumvira yabwiye abitavye iyo myiyerekano uku :«Jewe nashaka mvuge icese ko nta murundi yigeze yanka ko CNDD-FDD itwara , nta murundi yigeze yiyumvira ko abo bantu data wanje ngo ari babi, ico twanka tukankiriza , ni intwaro mbi yabo. Ico twari tubitezeko , sico twaronse , twari tubitezeko barwanira agateka ka zina muntu nkuko Perezida Ndadaye biyitirira yakarwanira yakavuga. Twari tubitezeko bashira abarundi hamwe , twari tubitezeko barwanira agateka ka barya bahutu birirwa barabesha ko bariko barwanira naho ni ukubahenda»
Abari mw-iyo myiyerekano bari bitwaje amafoto y-abarundi banyurujwe n-inzego z-igihugu bongera bitwaza ivyandiko bivuga bikongera bikibutsa ko ubuzima bw-umurundi bufise agaciro bakoresheje icivugo c-icongereza «BurundianLivesMatter». Basavye kandi ifutwa ry-imanza zitagira ifatiro zaciriwe abarongoye imigambwe, ibimenyeshamakuru hamwe n-amashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya politike.