Sunday, March 26, 2023
HomeNews'Nsaba abanyepolitike bose kwirinda ugusotorana kugira habe amatora meza mu Buganda', Domitien...

‘Nsaba abanyepolitike bose kwirinda ugusotorana kugira habe amatora meza mu Buganda’, Domitien Ndayizeye

Umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko ubandanya usaba ko amatora yo mu gihugu ca Uganda agenda neza mu mahoro n’umutekano wose hagati yabahiganwa.

Amatora yo mu gihugu ca Uganda akaba yitezwe kuba uyu musi wa kane aza gutatura abahiganwa bahiri aribo Yoweri Kaguta Museveni na Bobi Wine.

Uwuhagarariye umurwi wa EAC ukurikirana ayo matoro mu Buganda, umurundi Domitein Ndayizeye akaba yasavye ko hoba ituze muri ayo matora.

“Mpamagarira abo bose begwa n’ikibazo c’amatora bareke gusotorana no kuvyura ibikorwa vy’ubukozi bw’ikibi kugira amatora agende neza mw’ituze no mu mahoro”, niko Ndayizeye yabwiye ibinyamakuru amaze gushika mu gihugu ca Uganda.

Domitien Ndayizeye kandi akaba yasavye abanyamakururu kudakwiragiza ibihuhha mu makuru batanga kugira ntibazimize abanyamakuru.

Mwomenya ko imbuga ngurukana bumenyi zimwe zimwe zugawe muri aya matora mu gihugu ca Uganda bivuye kwitegeko rya Museveni ubu afise imyaka 75.

Mwomenya kandi ko abategetsi bamwe bamwe bo mu bihugu vya Buraya na Amerika bamaze kwiyamiriza uko reta ya Museveni iriko itunganya aya amatora yuno musi wa kane.

Must Read