NEWS

Niyahe sentare nkuru muri Afirika yohagarika ingingo ya Reta?

By

on

Inyuma yaho Reta y’igihugu ca Kenya ifashe ingingo yo guhagarika imboneshakure zariko zerekana ikibiriraho ibirori vyo kurahira vy’uwutavuga rumwe na Reta Raila Odinga,sentare nkuru y’ico gihugu yafashe ingingo yo kuvuguruza iyo ngingo ya Reta.

Izo mboneshakure zahagaritswe kubera zariko zerekana ikibiraho ibirori vy’iyimikwa vy’uwutavugarumwe na Reta Raila Odinga ku musi wa kabiri igenekerezo rya 30 Nzero 2018.

Ingingo yafashwe na sentare nkuru y’igihugu ca Kenya birerekana ko ubutungane murico gihugu busa n’ubwigenga ugereranije n’ibibera mu bindi bihugu vy’isi haba muri Afirika canke ku yindi migabane y’isi.

Izo mboneshakure uko ari zitatu KTN,NTV,CITIZEN TV zimenyako kuva zugariwe zimaze guhomba amafaranga atari make yategerezwa kwinjinza.

Muri kenya, Abamenyeshamakuru bariyamirije ingingo ya leta yo kwugara ibinyamakuru.

Bivugwako izo mboneshakure zirabwa hafi n’ibice 2 vya 3 vy’abantu baraba amakuru ku mboneshakure aho mu gihugu ca Kenya.

Reta y’igihugu ca Kenya yategekanya ko izo mboneshakure zugarwa gushika mu gihe kitazwi ubu inzego zijejwe umutekano zikaba ziri mu gikorwa co gutohoza abanyeporitike hamwe n’abamenyeshamakuru bafashije Raila Odinga kurahira.

Abenshi bariteze ko iyo ngingo ya Sentare nkuru y’igihugu ca Kenya ishobora kuja mu ngiro ugereranije n’ingingo iyo sentare yaheruka gufata mu mwaka uheze wa 2017 mu kugwiza n’ubusa ivyavuye mu matora ya mbere y’umukuu w’igihugu.

Recommended for you