NEWS

N’igiki cinyegeje mw’itangwa ry’imihoho ry’umushingwamanza akomeye wa Reta ya KENYA?

By

on

Umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta yamenyesheje ko umushingwamanza mukuru w’igihugu ciwe Githu Muigai,yatanze imihoho mu mirimo yiwe.

Ivyo bishitse i nyuma y’iminsi uyo mushingwamanza mukuru wa Reta ya Kenya agabishije uwutavuga rumwe na Reta ya Uhuru KENYATTA, Raila Odinga, amwagiriza ko yahemukiye igihugu mu kwirahiza nk’umukuru w’igihugu.

Abicishije k’urubuga rwiwe rwa twitter,Uhuru KENYATTA yashikirije ko yababajwe bimwe bikomeye Githu Muigai avuye mu mabanga yiwe yarajejwe.

Uyu mushingamanza atanze imihoho mu gihe yaramaze imyaka ishika itandatu arangura ico gikorwa co kuba umucamanza wa Reta ya Kenya.

Githu Muigai yahora ari umushingwamanza wa Reta ya Kenya

Abenshi baracibaza icoba catumye uyo mushingwamanza yemewe kandi yakoreye neza Reta ya Uhuru KENYATTA atanga imihoho.

Mu kwezi kwa Nzero guheze 2018,imbere yuko uwutavugarumwe na Reta ya Kenya,Raila Odinga yirahiza nk’umukuru w’igihugu umwigisha mu za kaminuza Muigai yari yamugabishije ko niyo yakora igikorwa co kurahira nk’umukuru w’igihugu azoba akoze co guhemukira igihugu gihanwa n’igihano c’urupfu.

None Raila Odinga ko yarahiye kandi ata gihano nubu kiravugwa ko yoba yarafatiwe vyoba biri mu bitumye uyo mushingwamanza atanga imihoho?

Haruwovuga ko Githu Muigai yananiwe no gushira mu ngiro ivyo yatanganje imbere yuko Raila Odinga yirahiza ?

Uko biri kose haracari agahaze haba muri Reta ya Uhuru KENYATTA.

Reka turindire ikizokurikira.

Githu Muigai asanzwe ari umwigisha muri kaminuza zitandukanye ,yaramaze imyaka ishika 6 ari umushingwamanza wa Reta ya Uhuru Kenyatta akaba yarigeze kuba kandi intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ijejwe gutohoza ku bijanye n’amacakubiri afatiye ku rukoba mu bihe vya none, hamwe n’ibindi bijanye no kutihanganirana muri poritike.

Recommended for you