Muri Nigeria Nyuma y’imisi mikeya gusa umuhungu afise imyaka 28 akoze ubukwe numukecuru w’umuzungu w’imyaka 71, mumpera zomundwi ishize hariho uwundi musore wumunijeria wimyaka 23 yatangaje benshi mugihe yakorana ubukwe numukecuru wumuzungu w’imyaka 82.
Akenshi ibinyamakuru vyo muri Nigeria bikunze gutangaza ko abasore bahariya yuko bahitamwo gukorana ubukwe nabazungu bakuze kugirango babonereho ukuntu bashobora kugera mu bihugu vyiburayi canke babonereho ukuntu bashobora kuzagera hano muri America.
Uwomukecuru hamwe nuwomuhungu bose bavuga ko bavyishimiye kuba bakoze ubukwe kandi ngo barizera yuko umubano wabo uzakomera cane.
Ubukwe bwabo buheze, aba bageni bagaragaye bari kukibuga c’indege ca Lagos berekeje i Burayi aho uyu musore bwari ubwambere ajayo . Uyu musore yakoze ubukwe n’umukecuru w’imyaka 82 nawe avuga ko bakundana cane kandi ko nta kindi kivyihishe inyuma nkuko abandi bantu babivuga . Posted by Eric Nyandwi