Monday, May 29, 2023
HomeNewsNigeria: Pasitori yasambanije umukobwa kunguvu bari mucumba camasengesho '' soma hano wunve...

Nigeria: Pasitori yasambanije umukobwa kunguvu bari mucumba camasengesho ” soma hano wunve uko vyagenze

Umupasitori wo mugihugu ca Nigeria yafashe kunguvu umwigeme w’imyaka 19 mugihe bariko barasenga ariko munyuma uwo mu pasitori yavuze ko bari basanzwe bakundana.

Uwo mu pasitori w’imyaka 29 azwi kwizina rya Anthony Arogunmasa wo mw’ishengero Ikere Ekiti riri muri leta ya Ekiti mugihugu ca Nigeriya.Amakuru dukesha ikinyamakuru africeleb avuga ko yafashe kunguvu umwigeme w’imyaka 19 bari mugikorwa co gusenga aho ngo bari babiri gusa muntumbero yo gusengera uwo mwigeme kugira imyuka mibi yoba imurimwo ihunge(purification spirituelle).Ivyo bikaba vyabereye muhira kuri uwo mu pasitori ahitwa Araromi Street,Ikere Eketi.

nigeria pastor

Abajijwe ingene vyagenze, uwo mwigeme tutashimwe kwerekana umwirondoro wiwe avuga ati:”Bwari bubaye ubwambere ngiye kwa pasitori pe!Yaranyegeyeye hanyuma ambwira ko nkwiye gusengerwa kugira imyuka mibi yoba indimwo imvemwo.Naramwemera kuko numva abantu bamuhamagara pasitori.Yanjanye muhira iwiwe hanyuma turinjira aca ampa i bougie n’isabune aca ansaba ngo ntangure gusenga.Mugihe twariko turasenga,yansavye ko nkura impuzu aca ampa igitenge aba arico nkenyera.Haheze akanya gato yaciye antarukirako aca ansambanya kunguvu.”

Uwo mu pasitori aho ari mu minwe y’igipolisi ntahakana ko vyabaye ariko avuga ko uwo mwigeme yarasanzwe ari umukunzi wiwe(petit amie).Gusa uwo mu pasitori ntiyemera ko vyabaye kunguvu ahubwo ngo vyabaye mu mwumvikano ntangere kuko ngo bari basanzwe bakundana.Mu gipolisi bavuga ko ibipimo vyabaganga vyerekanye ko ico caha cabaye ariko ivyuko bari basanzwe bakundana, mu gipolisi bo bavuga ko atashingiro bifise kuko ngo baraba ko icaha cakozwe hanyuma amategeko agaca akora ico yashiriweho.Mugipolisi kandi bakavuga ko ivyo uwo mugabo avuga ari ukubesha kuko ngo bamubajije izina ryuwo mukobwa,aho avuka vyose biramunanira.

Ico caha kikaba cabaye igenekerezo rya 23 Nyakanga 2014 mugihe bari bahuye ubwambere hanyuma aca amujana iwe kuko ngo uwo mukobwa yakunda gusengerwa.Muri kino gihe harindiriwe ko urubanza ruburanishwa hanyuma ruce rusomwa.

Abakobwa mukunda gusengerwa n’abagabo canke abahungu muragabe!

Sources : Afrifame

Must Read