Igisagara ca Chibok kibandanya kudumbanywa n’intagondwa zo mu muhari wa boko haram, aho kuri uyu w’Imana zateye abari mu masengero, zica abantu bagera kw’icumi.
Abantu batari mu munsi ya 10 nibo bagandaguwe n’abo bicanyi b’umuhari wa boko haram mu gihugu ca Nigeria, mu micungararo y’igiceca Chibok. Abagore, abagabo hamwe n’abana bose bakaba barajaniranijwe n’abo bicanyi. James umukuru wa Chibok avuga ko, aho bageze ubwanwa bwamaze gupfuka umunwa, kuko izo ntagondwa zigenda zirica abantu aho ziciye hose. Amenyesha ko kugeza ubu, mu duce dutandukanye twa Chibok handagaye ibiziga vy’abantu bagenda baragandagurwa n’abo bicabyi.
Ako gace ka Chibok rero kakaba kabangamiwe n’izo ntagondwa z’abarwanyi ba boko haram. Twobibutsa ko ako gace nyene ariho hanyururijwe abana b’abigeme bagera kuri 276, ariko abagera kuri 50 bakaba bamaze kuyanyaga barahunga nk’uko vyemezwa n’abajejwe intwaro.