NEWS

Ni iki kazoza kabitse ku Burundi n’Urwanda mu buseruko bwa Kongo?

on

Ikinyamakuru kimwe, Janes’360, kiragaruka ku makimbirane ari hagati y’Urwanda n’Uburundi, gushika yaho ivyo bihugu bibiri bihakwa gutana mu mitwe mu buseruko bwa Kongo.

Ico kinyamakuru kimenyesha ko ukuntu haguma haba ‘ugucanacanako kw’imigwi y’abagwanyi ija muri Kongo hamwe no guterana amajambo’ hagati y’ivyo bihugu bibiri bishobora gushika ku gutana mu mitwe kw’Uburundi n’Urwanda mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Nk’uko ico kinyamakuru kibimenyesha, abagwanyi bavuye mu mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, bari kumwe n’imbonerakure barinjiye ku wa 21 Nzero 2019 mu ntara ya Sud Kivu mu Buseruko bwa Kongo, ku mupaka n’Uburundi. Ayo makuru akaba yaremejwe n’ibinyamakuru bimwe vy’i Burundi.

Janes’360 ikamenyesha ko uwo musi nyene wa 21 Nzero 2019, abasirikare b’Uburundi babonetse ko bakomeza umutekano cane baragwira cane ku mupaka w’Urwanda mu burengero bw’Uburundi mu ntara ya Cibitoki.

Ico kinyamakuru mu mwihwezop waco, gishira ahabona ko uguterana amajambo hagati y’urwanda n’Uburundi bishobora gushikana ku gutana mu mitwe.

Ivyo bihugu vyompi, nk’uko ico kinyamakuru kibishira ahabona, bifise kahise ko gufasha mu buryo bwa gisirikare imigwi igwana muri Kongo kugira ishobore guhungabanya umutekano w’ikindi gihugu muri vyo.

Mu vyegeranyo biheruka gushirwa ahabona na ONU, vyerekanye ko Uburundi bufasha mu vya gisrikare umurwi urwanya leta y’Uburundi muri Kongo urongowe na Kayumba Nyamwasa.

Recommended for you