NEWS

Ni iki CNARED isaba kugira yitabe amatora mu 2020?

on

Mu gihe urunani CNARED rutavuga rumwe na leta y’Uburundi ruherutse kumenyesha ko ruzokwitaba amatora ya 2020, hariho ivyo urwo runani rusaba kugira ngo ayo matora rushobore kuyitaba.

Umukuru w’urwo runani CNARED yamenyesheje ko ayo matora kugira bayitabe hategerezwa kuba ‘imimerere myiza’ y’amatora(conditions favorables) ku banyepolitike bose.

Ikindi Jean Minani amenyesha ni uko abanya politike bahunze igihugu batavuga ruwme na leta y’Uburundi bokurwako imitahe mpuzamakungu yo kubahagarika maze bakabona kwitaba amatora neza.

Jean Minani aragaruka kandi ku ngingo zafunditswe mu biganiro na Mkapa i Arusha muri Tanzania ko zokwisungwa kugira ibintu bitungane neza.

Mwomenya ko leta y’Uburundi imenyesha ko bamwe mu buhunze igihugu bategerezwa gushika imbere y’Ubutungane bw’Uburundi maze bakishura ku vyaha bagirizwa.

Ivyo bagirizwa bamwe bamwe harimwo ugushaka guhungabanya inzego z’igihugu mu mwaka wa 2015 aho hari bashatse gutembagaza ubutegetsi biciye kuri coup d’etat.

Recommended for you