Sunday, March 26, 2023
HomePoliticsNi igiki kiri mu rwandiko rw-abatavuga rumwe na CNDD-FDD baheruka kurungikira umuryango...

Ni igiki kiri mu rwandiko rw-abatavuga rumwe na CNDD-FDD baheruka kurungikira umuryango w-ubumwe bwa buraya?

Ugusaba kugumizaho ibihano vy-ubutunzi ku burundi vyoba arivyo biri mu rwandiko abanyepolitike batavuga rumwe na CNDD-FDD boba baheruka kurungikira vuba umuryango w-ubumwe bwa buraya. Nkuko tubikesha ikinyamakuru candikira ku rubuga ngurukanabumenyi le3mandat.blogspot.com, umuryango w-ubumwe bwa buraya urategekanya gukorana mu ndwi iza kugira urabire hamwe ku bijanye n-ibihano vy-ubutunzi vyafatiwe Leta y-uburundi , hari mu mwaka w-2016.Future of Europe: reforming the EU | News | European Parliament

Kubw-ico kinyamakuru nyene, iyo nama izohuza abaserukira ama Leta agize uwo muryango  yoba iteguwe gukorana kuwa 18 Munyonyo 2021 . Ikazokwibanda cane ku bibazo bijanye n-ugufashanya hagati y-ubumwe bwa buraya hamwe n-ibindi bihugu. Igihugu c-uburundi kikazoba kiri muvyirwako mw-iyo nama.

kubw-iyo mpamvu y-iyo nama igiye gukorana, yoba yatumye bamwe mu banyepolitike batavuga rumwe na CNDD-FDD bandikira uwo muryango bawusaba ko wogumizaho ibihano vy-ubutunzi  vyafatiwe Leta y-uburundi. Abo banyepolike  bumva kumwe ko igumizwaho ry- ibihano vyafatiwe Uburundi  vyoza bituma intwaro ya CNDD-FDD isha coba mu kwemera kuganira n-abatavuga rumwe nayo kugira ntihaduke mu gihugu ˮ intambara y-abose rimwe‟. Hamwe umuryango w-ubumwe bwa buraya wosubizaho imfashanyo wari warimye igihugu c-uburundi,  vyoza bifasha ubutegetsi bw-umugambwe CNDD-FDD mu kubandanya buhohotera abo bose badasangiye ivyiyumviro nabwo, biri muri bimwe vyanditswe  n-abatavuga rumwe mw-urwo rwandiko rwarungikiwe ubumwe bwa buraya.

 

 

Must Read