NEWS

Ni ibiki twibuka kw’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi mu 2015?

on

Kuri uyu musi wa 13 Rusama 2019 niho haheze imyaka ine habaye igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi bw’Uburundi burongowe n’umugambwe CNDD-FDD ku wa 13 Rusama 2015.

Umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe, yazindutse amenyesha ivyiryo geragezwa ryo guhirika ubutegetsi yongera yibutsa uko vyagenze mu gatondo ko kuwa 13 Rusama 2015.

Willy Nyamitwe yamenyesheje ati: “Imyaka ine iraheze, umusi ku wundi habaye igeragezwa ryo guhirika ubutegetsi, iryari ririmwo abagumutsi bamwe bamwe binyegegeza inyuma y’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bafashwe mu mugongo na bamwe mu gisirikare n’igipolisi, bose bafashijwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya biciye ku gihugu c’Urwanda”.

Abagize uruhara muri iryo gerageza ryo gutembaza ubutegetsi bakaba baratanye mu mitwe n’igisoda c’Uburundi maze baratinda baraneshwa gushika naho bamwe muri bo bafatwa bakaba bagifunzwe nka Cyrile Ndayirukiye.

Bamwe bamwe muri abo bagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi bakaba baciye bahunga igihugu.

Leta y’Uburundi ikaba yaciye isohora imitahe mpuzamakungu yo kubahagarika kugira bazanwe mu Burundi bacirwe urubanza n’ubutungane bw’Uburundi.

Recommended for you