NEWS

Ni Ibiki Biri Mu Masekeza Y’Umukuru w’Igihugu Mu Gihugu Hagati?

on

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yarihaye ikiringo co gukora amasekeza yo « kuremeshanya » mu ntara zose z’igihugu uko ari 18, ariko rero ni bike cane bimenywa muri ayo masekeza akorwa kubera ata bamenyeshamakuru bemererwa kwinjira.

Mu bisanzwe, umukuru w’igihugu niwe akunze gufata ijambo akabwira ababa batumiwe. Canke umutambukanyi w’umukuru w’igihugu agafata ijambo akigisha. Izo nyigisho zikavugwa ko ari ukwigisha abantu gukunda igihugu. Ariko rero ivyo bikaba biba mw’ibanga ntangere.

Iradiyo y’Abafaransa RFI yaragerageje gutohoza uko bigenda muri ayo masekeza aho ishira ahabona ko abategetsi bamwe bamwe b’igihugu, abasirikare, abapolisi hamwe n’imvukira zo mu ntara iba yacaguwe barashirwa mu nzu iba yacaguwe hama bakumviriza ijambo ry’umukuru w’igihugu.

Ibiringo nk’ivyo biba birimwo ibanga ntangere kuko atari uwo ariwe wese avyitaba: abanyamakuru ntibemerewe kwinjira. Amatelefone, amakaramu, amasaha canke ikintu cose kiboneka ko cofata amajwi nticemewe kandi uwurenzeko aribonerako.

RFI ishira ahabona ko hari abantu batatu bafashwe ku wa 17 Nzero 2018 mu ntara ya Kayanza bafise amatelefone yabo. Barahagaritswe, n’ubu nta wuzi irengero ryabo. Mu mpera za Ruhuhuma 2018, hari abantu bahamagawe mu ntara ya Bubanza, maze babazwa igituma bavuze ku maradiyo ibiganiro vyavuzwe n’umukuru w’igihugu muri ivyo biringo.

Abategetsi bazwi bacaguye nibo baheza bagashikiriza ivyavuye muri izo nyigisho z’umukuru w’igihugu, ariko nabo nyene bagashikiriza ‘ubutumwa buremuruye’ batavuze ido n’ido n’ido ry’uko vyagenze.

Recommended for you