Nkuko abaririmvyi hamwe n’abaririmvyikazi b’abarundi basanzwe bagerageza gukora neza, ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera muri America ” UBM News ” twaragerageje kubaza aba fans abaririmvyi bo bakunda aho abagarutse kenshi twasanze ari abaririmvyi babikwiye kandi basanzwe bafise n’ingabire zikomeye ndetse bafise n’aba fans benshi kuruta abandi.
Muvyo twisunze harimwo aba fans benshi,kuririmba neza hamwe no kwifata neza kuri scene ndetse no gukora ubudahumeka m’umuziki w’Uburundi.
1.Sat-B
2.Fizzo
3.Chany Queen
4.Emery Sun
5.Lolilo
Abo baririmvyi uko ari 5 muri kino gihe uko niko bakurikirana twasanze aribo bafise aba fans benshi haba mugisagara canke mugihugu hagati nibo bagaruka kw’isonga bikagaragaza ko umuziki w’Uburundi uriko uratera uja imbere.