NEWS

Ngozi : Umugabo yagirizwa ubwicanyi yafashwe

By

on

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko cataye muri yompi umugabo azwi kw’izina rya KAJWA Issa Barnabe w’imyaka 55 yagirizwa urupfu rwa KANYAMASUNZU Elias w’imyaka 43 yagandaguwe kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi 2018, ku musozi Ryarunyinya, komine Ruhororo, intara ya Ngozi.

Uwo mugabo yagirizwa ubwo bwicanyi yafatanwe inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Petero NKURIKIYE akemeza ko iyo nkoho ariyo yakoreshejwe mu kugandagura uwo mugabo.

KAJWA Issa Barnabe yafashwe kuri uwu w’Imana, akaba apfunngiwe mu gasho k’igiporisi i Ngozi.

Recommended for you