Ngozi: Iradiyo VOA hamwe n-amaradiyo yo mu Rwanda arabujijwe kwumvirizwa.
Ku makuru tukesha ikinyamakuru SOS MEDIAS Burundi atumenyesha ko abanyagihugu bo mu gice ca Kididiri muri zone Mihigo , isanzwe iri muri komine Busiga, intara ya Ngozi bahawe itegeko ryo kudasubira kwumviriza iradiyo ijwi ry-Amerika basanzwe bumviriza bakoresheje imirongo ya FM 104.3 bafatiye biciye mu gihugu c-urwanda. Iryo tegeko kandi rirongera rikaraba amaradiyo asanzwe aturuka mw-ico gihugu c-u Rwanda.
Nk-uko bivurwa n-abanyagihugu bo mw-ako gace, ngo iryo tegeko ryo kutasubira kwumviriza ivyo binyamakuru ryatanzwe n-umukuru wa zone hamwe n-indongozi z-umugambwe CNDD-FDD muri zone Mihigo. Ngo umuntu wese arenze kw-iyo ngingo aca ahagarikwa.
Abo banyagihugu bo mw-iyo zone ya Mihigo babandanya bamenyesha ko urwaruka rw-imbonerakure ruguma rucunga ahakoraniye abantu benshi kugira ngo barabe ko atabariko bumviriza I radiyo ijwi rya Amerika binjegeje. Ngo abantu biba ngombwa ko binyegeza mu mazu yabo kugira ngo bumvirize iyo nsamirizi mpuzamakungu.
ˮBiranabujijwe kandi kwumviriza amaradiyo y-urwanda . Aha dufata amaradiyo arenga atandatu. Ariko kuva mu ntango z-ukwezi kwa gatanu, kirazira kuzumviriza ku mugaragaro utagomba guhagarikwa ugaca wagirizwa guhungabanya umutekano w-igihugu‟ niko umunyagihugu wo ku musozi wa Kididiri yigana ivyabaye.
Naho biri uko, Twobamenyesha ko urwego rujejwe gucungera ibimenyeshamakuru CNC rumaze imisi rwarafashe ingingo yo guhagarika iradiyo ijwi rya Amerika gukorera ku butaka bw-uburundi ntirurigera rubuza abanyagihugu canke abanyamahanga baba mu Burundi kwumviriza iyo nsamirizi mpuzamakungu.