NEWS

Ngozi : Abantu babiri basomewe urubanza

By

on

Abantu bane baciriwe umunyororo uri hagati y’imyaka ibiri n’igice hamwe n’imyaka 15, mu rubanza rwasomwe kuri uwu wa gatatu na sentare nkuru ya Ngozi.

Abo basomewe urwo rubanza bagirizwa gushaka kwiba no kwica bakoresheje inkoho ku badandaza 2 bo muri karitiye ya gisagara, ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi, ivyo bikaba vyabaye mw’ijoro ry’uwa 2 rishira uwa 3 z’uku kw’icenda.

Sentare nkuru ya Ngozi yafashe kandi ingingo ko abo bagira bibwe kandi bishwe hakoreshejwe inkoho bazohabwa inshumbusho y’amafaranga y’amarundi imiriyoni mirongo ibiri.

Mwomenya ko abo bagira bibwe bakomerekejwe n’amasasu yarashwe n’abo bagizi ba nabi.

Recommended for you