NEWS

Ngozi : Abana batandatu bo mw’ibarabara bafashwe mu mukwabu ukomeye

By

on

Abana batandatu bo mw’ibarabara bafashwe n’igiporisi ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi, inyuma y’aho imodoka y’uwitwa NSENGIYUMVA Jean Pierre yibiwe ivyari muriyo.

Mu giporisi bavuga ko abo bana bafashwe kuri uwu wa mbere aribo bari bivye iyo modoka yuguruwe imiryango, amasakoshi abiri yarimwo aribwa n’abo bana.

Isakoshi imwe yarimwo mudasobwa (Ordinateur portable), iya kabiri nayo ikaba yarimwo amafaranga y’amarundi agera ku 6.250.000.

Nk’uko mu giporisi babandanya babivuga, uwibwa amaze kwitura inzego zibijejwe, igiporisi caciye gikora umukwabu ukomeye, mu mutwenzi wo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’agatondo akaba ariho abo bana bo mw’ibarabara batandatu bafashwe, igiporisi kikaba kandi cafashe iyo mudasobwa (Ordinateur portable) yari yibwe. Mu mafaranga yari yibwe, igiporisi cafashe ayagera ku 5.260.000.

Abo bana baciye bashikirizwa inyamiramabi kugira bakorerwe amadosiye azorungikwa mu butungane.

Recommended for you