Umuririmvyi rurangiranwa azwi kwizina rya ” Sat B ” ahamagarira abantu bose ko bari bakwiye kwirinda kugira akagaye kuko hari ingaruka nyishi zishobora gushikira umuntu wese agayana.
Nkuko uno muririmvyi akunzwe cane murino minsi yavyivugiye, we yavuze ko abona abantu benshi hirya no hino bagendana imitima mibi mukugayana, kwishima hamwe n’ibindi bityo ubwiwe akaba abaha impanuro zuko bobiheba
Sat B yagize ati : Twirinde kugira akagaye… Iki nikibazo kiraba uwariwe wese mu gihe twese duhema impwemu zabazima, Tubona benshi hirya nino bagendana imitima mibi mukugayana ,kwishima,nibindi … kuri wewe ugendana akagaye n’ubwibone kubagenzi bawe n’abandi muhura bikaba akamenyero bikakwinjira no mumaraso ukabibona ibisanzwe mu buzima bwawe
Kubwivyo rero uzohora uraba iyo bakubwiye ko wakoze ikosa ukarisuzuma, ndetse ukanabaza bagenzi bawe gutyo ukazomenya gutandukanya ikibi niciza kuko umengo ntavyuzi… kuruno mwanya kumbure ntaco bigutwaye ariko ejo bizokugirira ingaruka kuko ni wewe uzoba uri responsable y’ubuzima bwawe …
iyumvire iyo so wawe aba agaya abantu n’uwumuzaniye akazi akamugaya uba uronka ico ufungura muhira ??? (rwaruka) cane cane… kubu gategura akazoza kora cane iteho ibikorwa ataruko uraraba neza uruvyaro rwawe ntiruze rukuzire kuko ntuzi iyo umuvyeyi wawe yaciye kugira uronke ico ufungura ubeho neza hama ugere aho ugeze kumbure yoba yaranigeze gupfukamira umuntu …