Umuririmvyi w’umurundi aguma atera imbere ndetse biboneka ko aguma aronka aba fans benshi ” Willy Leonard Niyomwungere ” mu minsi ir’imbere ngwagiye gutangura gukora urugendo rwo kumenyekanisha umuziki wiwe.
Ivyo rero uno muririmvyi akaba yabivuze mu gihe yariko araganira n’Ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikunzwe cane gikorera muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News, aho we yavuze yuko ariko arategura urugendo rurerure rwokuja hirya nahino murwego rwo kumenyekanisha umuziki akora ikindi naco ngo nuko mururwo rugendo azogenda atwaye ibintu bidasanzwe naburya yafashe umwanya munini wo gutegura urwo rugendo.
Willy Leonard Niyomwungere yagize ati : Sinkunda kwama ndiko ndavuga vyinshi kumunwa ariko nshima ko ibikorwa arivyo vyivuga .Ndi gutegura kuzogira urugendo rurerure go kuja hirya no hino kwisi kumenyekanisha umuziki wanje .Aho rero nkaba nashimye kuzohera mu gihugu canje u Burundi ari naho nfise aba fans banje bo kumurongo wambere aho rero nkazoba nitavye akamo aba Fans banteye ko guhera kuremesha ibiteramo i Burundi imbere yo kuja ahandi .Nzojayo mu kwezi kwindwi hama nzohamara iminsi itatu nce nja muri Festival bita yaba Star baba hanze izobera kukiyaga Nyassa aho ni mu gihugu ca Malawi
Nzoba ndi kumwe n’umugwi unvugiriza nabigeme baririmba batamba Igiteramo giteguwe neza,twarafashe umwanya uhagije wo kugitegura kuko kurya nfata umwanya munini wo gutegura indirimbo niko nafashe umwanya uhagije wo gutegura ico igiteramo, ikindi naco Nzogeda ntwaye ibintu bidasanzwe kuko urunva sinova muri Canada ngo nje hirya no hino kwisi njanywe nukugira ivyo abandi baririnvyi bagenzanje basanzwe bakora ,nshaka nzokwerekane ubudasa aribwo buzotuma abantu baguma banyibuka bahurumbira m show yanje.