Monday, May 29, 2023
HomeLoveNgaya hano amakosa umuntu wese akwije imyaka 18 akwiye kwirinda gukora m'ubuzima...

Ngaya hano amakosa umuntu wese akwije imyaka 18 akwiye kwirinda gukora m’ubuzima !

Abashakashatsi nkuko babivuga, bo bemeza ko makosa mu buzima yuko ari ikintu gisanzwe cane, n’abashaje ngo harigihe bakora amakosa, abo murikigihe bo bararengeje ariko aya ni amakosa ukwiye kwirinda cane gukora mu gihe uri mu myaka ya 18 kubandanya

1) Gukora ikintu urabira kubandi
Gerageza kuba ueuwiwe hako woshaka kuba nk’uko uwundi muntu ameze. Nubwo woba ushima ivyo mugenzawe akora ndetse bikanakubera urugero ukanamwigiraho ariko wirinde ntugakore ibisa nivyo akora ahubwo kora ivyawe nkawe utamwiganye kandi abarundi nibo baciye umugani bati : ingendo y’uwundi iravuna.

Kwiyunvira ubushobozi afise canke kwiyunvira uburyo afise n’ibindi bizogusubiza inyuma ahubwo ipfuze gukora umwanya munini nkawe nkuko akora, ipfuze gukora ukagera ku bindi ubona atashitseko . Ba wewe ubwawe ku myaka yawe y’inkomezi ufise kandi kugirango niwasaza uzobere akarorero keza ku bandi n’ingirakamaro ku gihugu cawe, nturabe aho abandi bageze ahubwo raba wewe aho ugeze.

2) Kwirengagiza ukuri
Kuri iyi myaka ufise ukwiye kuba umunyakuri hakiri kare utazosaza nabi abantu bakuvuma. Ntukabeshere abandi, ntiwibeshere ivyo udashoboye canke utakoze kuko uracari muto iminsi iraguhenda.

Kora ivyawe, emera ivy’abandi, gerageza kumenya n’ivyabandi ubikoreshe mu vyawe ariko ba umugabo hakiri kare uce mu nzira z’ukuri kandi umenye ko atabutunzi bwa vuba bubaho n’iyo bubayeho ntubusazana kuko utabuvunikiye.

3) Kudakingira imibonano mpuzabitsina yawe
Turaza kubibabwira ku ngingo ya 6 ko iyi myaka igorana cane kuyifatamwo mu gihe utihaye Imana. Hano ntidushatse kubashishikariza ubusambanyi ariko namwe murabizi uko vyifashe iyi minsi, hari ababikora kenshi kurusha n’abubakanye.

mistake

iki kigero cawe c’imyaka sico gutera inda ukarera umwana utiteguriye kuko nawe uriremereye, sico gucibwa intege canke kubwirwa ko wanduye agakoko. Nuko rero ntuzokore ikosa ryo gukora imibonano mpuzabitsina idakingiye, burigihe cose koresha agakingirizo ( CONDOM ) .

Ushobora kuvuga ngoya nta CONDOM wokoresha kuko ngutayikoresheje niho wunva uryohewe cane ariko aho uzoba ariko urihenda cane kuko haryoha mu mutwe ntiharyoha mu maguru ntibazokubeshe!!!! Kandi nimba ugirango n’ibintu vyoroshe uzoganire neza n’umukobwa bateye inda atabishaka canke umusore wayiteye atabishaka kandi atari tayari kurongora, azokubwira koyakoze ikosa rinini cane.

4) Kwibagira kuzigama ivyakazoza kawe.
Muri ikigihe birashika hakaba atamahera menshi ukorera canke ubona. uhembwa amadollar 400 mundwi zibiri ariko ugaca ukuramwo 250 ukaguramwo ikirato ( Jordan, Nike etc ) ariko tutagiye kubesha kubarundi baba hano muri America canke ahandi hose, uribaza ko ngaho uba uriko uraziganya ??? nivyiza ukaza uraziganya hako woza urakora iryo sesagura ry’amahera.

5) Kugira abagenzi bagutesha umwanya
Abagenzi bawe urabazi bose, abagutesha umwanya urabazi, abakugirira akamaro mu kazi canke mwishuri, abakugira inama, abagufasha nabakuremesha bose urabazi. None nikuki uta umwanya wawe mu bagenzi uzi neza ko ari abagutesha umwanya ataco bakungura ?

Abagenzi bagutesha umwanya ni abo muzokwicara ukumva ibiganiro bakubwira arivyo kuvuga abandi b’ikigero murimwo canke ugasanga baza bakubwira insaku gusa, ubwo rero mu buzima ukwiye gucagura abagenzi uzi ko bagufitiye akamaro.

Must Read