NEWS

Ngagara : Umukozi w’ishirahamwe LUMITEL yiciwe mu bunywero

on

Belynda MUNYANA yahoze ari umumenyeshamakuru yimenyereza kuri Radio ISANGANIRO akaba ubu yakora mw’ishirahamwe LUMITEL, yagandaguriwe mu bunywero bita KWA NDIZEYE buri mu Ngagara muri karitiye ya gatanu, mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere.

Amasasu menshi yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere muma zone ya Jabe, Ngagara, Kamenge hamwe na Kinama.
Muri ayo masasu yumvikanye muri zone Ngagara, cari igitero cakozwe n’abantu bataramenyekana mu bunywero buri muri karitiye ya gatanu, ahagandaguriwe umwigeme azwi kw’izina rya Belynda MUNYANA yahoze ari umumenyeshamakuru yimenyereza kuri Radio ISANGANIRO akaba ubu yakora mw’ishirahamwe LUMITEL.

munya

Moïse Nkurunziza, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko ubwo bunywero bwatewe n’abantu batatu bitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Kalachnikov hamwe n’ama gerenade, bakaba barashe muri ubwo bunywero bongera batera gerenade.

Bagandaguye uwo mwigeme Belynda MUNYANA hamwe n’uwundi yariko ararengana hafi y’ubwo bunywero, ariwe Cynthia HAKIZIMANA.

haki

Icegera c’umuvugizi w’igiporisi akamenyesha ko abo bantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye bagiye kandi bivye amafaranga muri ubwo bunywero.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.