Mu gihugu ca Africa Yepfo no kw’isi yose, uno munsi kuwa 18 Mukakaro 2013 bariko barahimbaza isabukuru y’imyaka 95 Nelson Mandela amaze kw’isi.
Kuri uno mwaka, uwo munsi witiriwe Mandela yahawe agaciro ntangere kw’isi yose kuko hageze ari ku musego mu bitaro, kandi cane cane benshi batibaza ko Nelson Mandela yoba azoba akiriho kuri uno munsi baravye uko amagara yiwe yifashe aho ari mu bitaro.
Ubu amakuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu yemeza ko amagara ya Mandela yifashe neza.
Mu muryango wiwe bamenyesha ko ameze neza. Umukobwa wiwe Zindzi aremeza ko ubu Mandela aho ari ku buriri bw’ibitaro ashobora kuraba imboneshakure, ko atwengera umuryango wiwe n’abandi baje kumusuhuza kandi akabaramutsa n’ukuboko.
Nelson Mandela yinjiye ibitaro vy’i Pretoria kuva ku genekerezo rya 8 Ruheshi 2013 arwaye ingwara y’amahaha.
Sources : IGIHE