NEWS

Ndirakobuca yoba agiye kuramutswa iperereza ry’Uburundi?

on

Mu makuru yacanye canyeko mu ndwi turangije n’uguhindura abajejwe kuyobora igendereza ry’Uburundi (Service National de Renseignement). hamwe no mu gisirikare no mu gipolisi c’Ubrundi.

Mu makuru yakwiragiye ku ndwi iheze yerekanye ko umuyobozi mushasha w’iperereza ry’Uburundi agiye kuba Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika.

Iyo nkuru yahavuye ishirwa ku rubuga rwa leta yemeza iryo genwa yahavuye ica ikurwa kuri urwo rubuga rwa leta , bamwe bakibaza nimba iryo genwa ryoba ritahurijweko canke ko uwo akora muri leta yashize ayo makuru kuri Internet yoba yarihenze.

Nubu haracari igifungu nimba Ndakugarika yahawe kuyobora iperereza ry’Uburundi.

Ndirakobuca adakunzwe kuvugwa cane mu ngingo z’igihugu arazwi cane ko yakoranye cane n’umuhisi Adolphe Nshimirimana mu bihe bitandukanye igihe Nshimirimana ariwe yatwara iperereza ry’Uburundi.

Abandi batari bake mu gisirikare no ku gipolisi bariko bahindurwa. Aho hari ho Prime Niyongabo ayoboye ukwivuna abansi mu Burundi hamwe n’uwutwara urwego rwo gucungera itumatumanako mu Burundi, ARCT.

Uwundi yasubirijwe ni Silas Ntigurirwa yahora ari umunyamabanga ntayegayezwa w’Inama Nkuru y’umutekano y’igihugu(CNS) maze asubirizwa na Colonel Pierre Claver Nzisabira.

Abatari bake baribaza impamvu hariko haba amahinduka mu nzego z’umutekano mu gihe Uburundi buca bwinjira mu matora mu mwaka uza.

Recommended for you