Igihugu c’uburundi kiramaze imyaka irenga 15 kivuye mu bihe vyo mu ntambara maze cinjira mu nzira y’amahoro n’iterambere. Kuva mu mwaka wa 2015 aho umuhisi Perezida Nkurunziza afatiye ingingo yo kwitoreza ikiringo ca gatatu, abatari bake mu barundi ndetse na Afrika y’ubuseruko bafata ko kitari gikwirije amategeko, Uburundi bwagiye bwinjira mu ngorane z’ubutunzi kuko ahahora hava imfashanyo zifasha igihugu kugira kibandanye mu nzira y’iterambere harafunze imiryango bitewe n’uko Leta y’ico gihe yagize uruhara rukomeye mw’izo mvururu za politike. Abarundi n’amakungu barihaye icizere ko uburundi bugiye gusubira ku murongo mwiza w’iterambere baravye ishaka umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye yaje azanye ryo guteza imbere uburundi abanje kurwanya ibiturire, ukudahana, n’ibindi … Ariko uwo mwizero wamaze umwanya urume rumara kuko n’ivyahuha vyaciye bihuhuka:Ubukene bw’amafaranga mvamakungu, ibura ry’ibidandazwa nkenerwa ku barundi (isukare, Igitoro, Umwavu wa FOMI, ibinyobwa vya BRARUDI,isima yo kwubakisha, impapuro z’inzira za Passport…)hamwe n’iduga ku rugero rudasanzwe rw’ibifungurwa. Umwe mu barundi w’umuhumure afise imyaka 68 yavuganye n’ikinyamakuru cacu avuga ko atabona itandukaniro rihari hagati y’ibihe igihugu kirimwo mu vy’ubutunzi hamwe no mu bihe vy’ibihano vy’ubutunzi umuhisi Perezida Buyoya yari yafatiwe mu 1996.
Naho atashimye kuduha izina ryiwe ku mvo z’umutekano wiwe, Turiko tumubaza ukwo abona ibihe vy’ubutunzi igihugu c’uburundi kirimwo afatiye no mu bihe vya Embargo igihugu cari kirongowe na Perezida Buyoya cari kimeze atwishura uku :” Kuri embargo, igitoro caraboneka gusa cari kizimvye co kimwe n’ibindi vya nkenerwa. Ndemanga neza ko imiti n’ibinyobwa vya BRARUDI vyagiye birabura cane. Kuri Embargo uburundi ntibwigeze buja imbere mu bihugu bikenye kw’isi hariho ibihugu bitari bike twaca imbere”.
N’akababaro kenshi arongera ko ati :”Uno musi rero vyitwa ko tutari mwa kirya gihe canke mu ntambara, ndibaza nyimba uburundi bwoba bwasubiye muri embargo nk’iya Buyoya ariko nkabiburira inyishu!”
Uwo yahora yigisha kw’ishure ry’intango rya Stella Matutina,riri mu gisagara ca Bujumbura abona ko Leta ihari iki gihe yarikwiye gufata ingamba zidasanzwe igasubiza ku murongo ubutunzi bw’uburundi bimwe biboneka atari ivyo mu majambo canke mu mpapuro.
“Ubiravye neza nta kintu kizima kiriko gikorwa ngo uburundi bwisununure muvy’ubutunzi. Ehe namwe kurwanya abarya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo y’igihugu Perezida Ndayishimiye abica ku ruhande kandi twese twari twamwizeye ko agiye kubaduhanira. Ibisata bikomakomeye bironderwamwo impapuro nko muri PAFE, PSR,…igiturire bakirya izuba riva. Ugutunga kudasobanutse kw’abategetsi bahari ubu , Abagize Leta ya Neva baranse kwerekana ubutunzi bafise kandi ibwirizwa shingiro ry’uburundi ryabitomora neza, Ugufata ingingo zitizwe zikaza guhungabanya amikoro y’abanyagihugu, nko kubomora arya mazu yegereye amabarabara mubona hakwirikiye iki?hari amabarabara yubatswe canke ariko yubakwa? kubuza abunguruza abantu bakoresha ama Bajaj n’amapikipiki ngo ntibakorere hagati mu gisagara vyazanye iki mumbonera? Si ubukene ku gihugu no kubanyagihugu baco!” Niko abandanya asigura.
Tubamenyeshe ko abahinga muvy’ubutunzi bavuga ko kuva mu mwaka wa 1997 aho igihugu c’uburundi caca mu bihe bidasanzwe mu butunzi bitewe na Embargo cari cafatiwe n’ibihugu vyo mu karere, ico gihugu nticari bwigere gishika ku rugero rw’iduga ry’ibiciro nk’urwo kiriko ubu. Bakabivuga bafatiye ku cegeranyo giheruka gusohoka c’Ibanki nkuru y’igihugu BRB aho yerekanye ko iduzwa ry’ibiciro mu Burundi rigeze ku bice 28’6%. Abo bahinga bakaba bafise ubwoba n’amakenga ko uy’umwaka wa 2023 ushobora kurangira ivyo biharuro bigeze ku rugero ruteye ubwoba hamwe atacokorwa vyihutirwa.