Sunday, March 26, 2023
HomePoliticsNdabirabe agabisha abashingamateka bo muri CNL ko bazohanwa kuba batitabiriye ibikorwa vyogutora...

Ndabirabe agabisha abashingamateka bo muri CNL ko bazohanwa kuba batitabiriye ibikorwa vyogutora abagize CVR.

Umukuru w’inama nshingamateka y’uburundi Daniel-Gélase agabisha abashingamateka bakomoka mu mugambwe CNL ko bashobora guhanwa bitewe n’uko abo bashingamateka baciye bataha igihe kuri uyu wa gatanu hariko hatorwa abakomiseri bashasha bagize umurwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira CVR. Abo bashingamateka ariko bavuga ko biyamirije “inkinamico y’amatora”.

Kuri uyu wa gatanu ku mugoroba niho inama nshingamateka yemeza kandi yongera ikiringo abagize umurwi CVR. Ariko ico gikorwa cabaye abashingamateka bo mu mugambwe CNL atariho bari kuko baciye bataha. Abo bashingamateka bakiyamiriza “inkinamico mu matora”. «Si irya mbere , ibiro vy’inama nshingamateka bisa nibiriko birishikana ku ntumbero y’umugambwe CNDD-FDD . Baja mu ngoro y’umugambwe CNDD-FDD bakagaruka bafise urutonde ntabanduka rw’aategerezwa gutorwa canke bakaba bagenywe nimba nobivuga gutyo» Niko Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL yagaragaje akababaro mu kiganiro ku bamenyeshamakuru yatanze kuvyari bihejeje kuba mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe.

Naho abo bashingamateka bavuga ivyo, Umukuru w’inama nshingamateka Daniel-Gélase Ndabirabe aragabisha abo bashingamateka ko agiye kuraba ukwo amategeko avuga kugira atangure kubahana kubera ko batitabiriye ivyo bikorwa bijanye no gutora no kwongera abakomiseri bagize umurwi CVR.

Tubibutse ko atari irya mbere abashingamateka bo mu mugambwe CNL bahitamwo kutitabira ibikorwa bijanye no kwemeza amazina y’aba bagenywe muyandi mabanga . Ubuheruka ni igikorwa kijanye no gutora abashingamateka bazoserukira uburundi mu nama nshingamateka y’akarere ka EAC aho abashingamateka ba CNL bahisemwo gukura akarenge ibikorwa bitaratangura kubera ko barenganijwe muguhabwa umushingamateka umwe rudende bakanganya n’abashingamateka bahawe umugambwe UPRONA hamwe nabo mu bwoko bw’abatwa kandi muri CNL bobo bafise abashingamateka barenga 25.

Must Read