NEWS

Natacha Ngendabanka yaraye akwije imyaka 30 y’amavuko

By

on

Ku munsi w’ ejo igenekerezo rya 5/1/2016 niho umuririmvyikazi w’umurundi Natacha Ngendabanka yahimbaza umunsi mukuru wiwe w’ amavuko,aho Natacha yaboneyeho akaryo ko gusangira n’ umuryango wiwe,abagenzi,bamwe mu bamenyeshamakuru hamwe n’ abo basanzwe barikumwe mu mugwi club band.

Ikinyamakuru cacu Ubmnews niho cari cibereye kugira kicarabire uko ibirori vyari bimeze,ibirori vyari bibereye ijisho aho umugabo Wa Natacha Ngendabanka arikumwe n’ abana biwe 2 aribo Julio na Leila bashoboye guha agashimwe Natacha ka micro imwe bashira kugutwi( micro casque),Natacha yarahawe nubundi buganuke butari buke n’ umuryango wiwe,umuvyeyi wiwe,abo bavukana n’ abandi bari ngaho.

Ibirori bikaba vyarangiye mu muziki aho bari ngaho bose batamvye baratarika.

Tworangiza tubamenyesha ko Natacha yakwije imyaka 30 y’ amavuko