Tuesday, February 7, 2023
HomeTrending"Narabuze abarwanyi batatu, nica abasirikare 30 b’uburundi barikumwe na bacongo" Gen. Aloys...

“Narabuze abarwanyi batatu, nica abasirikare 30 b’uburundi barikumwe na bacongo” Gen. Aloys Nzabampema.

Abarwanyi b’umuhari FNL urwanya Leta y’uburundi barahakana amakuru aheruka gushikirizwa n’umuvugizi w’igisirikare ca Congo gikorera muri kivu y’ubumanuko muri teritwari ya Mwenga avuga ko batakaje abarwanyi 40 mu ntambara yabahuje n’igisirikare c’uburundi gifadikanije n’ica Congo (FARDC)yamaze imisi ibiri iriko ibera muri segiteri ya Itombwe , teritwari ya Mwenga , mu ntara ya Kivu y’ubumanuko. Gen.Aloys Nzabampema arongoye uwo muhari amenyesha nyabuna ko yatakaje abarwanyi batatu maze bica abasirikare b’uburundi barikumwe n’abakongo bagera kuri 30 muri abo harimwo babiri bafise ipete rya Major.

Mu kiganiro yagiranye n’abagenzi bacu b’iradiyo Ijwi rya Amerika kuri uyu wa mbere, Gen. Aloys Nzabampema atwara FNL yemeza ko kuva itarike ya 25 kugeza itarike 26 Munyonyo 2022 bari mu ntambara zabahuje n’igisirikare c’uburundi kirikumwe n’ica Congo ahitwa I Naombi , Umuhari wiwe wateje uruhombo runiniya ku mwansi bari bahanganye . Nzabampema agira ati:”Narabuze abarwanyi batatu, nica abasirikare 30 b’uburundi barikumwe n’abacongo. Barabuze kandi intwazangabo zibiri z’ipete rya Major. Twarafashe kandi n’inkoho zabo 18″

Tubibutse ko umuvugizi w’ingabo za Congo zikorera muri ako karere , Lt Marc Elongo yaheruka gusohora itangazo rivuga ko ingabo za Leta ya Congo zifadikanije n’iz’uburundi zikorera muco bise”Task force”mu bumanuko bw’intara ya Kivu, zishe abarwanyi 40 b’umuhari FNL ndetse banabirukana mu birindiro vyabo biri ahitwa I Naombi ni muri teritwari ya Mwenga.

Must Read