NEWS

Naho Pierre Claver Ndayicariye yagenywe kuba umukuru wa CVR Burundi, bamwe ntibabona neza igenwa ryiwe.

on

Abantu cumi na batatu baheruka gutorwa n’Inama Nshigamateka y’Uburundi ngo baje mu mugwi w’ukuri no kurekuriranira, CVR Burundi, bemejwe ku mugaragaro n’itegeko ry’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre Nkurunziza ko bagiye kuba abagize CVR Burundi.

Uwo murwi ukaba urongowe n’uwahora atwara umugwi ujejwe gutegura amatora CENI, ariwe Pierre Claver Ndayicariye hamwe n’icegera ciwe Clement Noe Nziza.

Ukwo gushira hejuru ya CVR Burundi uwo Pierre Claver Ndayicariye ntikwakiriwe neza n’abatavuga rumwe na leta, abasanzwe banagiriza uwo mugabo Pierre Claver Ndayicariye kuba yaragize uruhara mu ndyane zatanguye kuva mu mwaka wa 2015 mu kubandanya amatora yavuwemwo na bose.

Pierre Claver NDAYICARIYE agiye kuyobora CVR Burundi.

Hari n’abandi babona ibintu ukundi, na cane cane bakibaza impamvu abagabo babiri bari barongoye umugwi w’amatora CENI mu Burundi ari bo Prosper Ntahorwamiye(ubu asanzwe yahawe akazi ko kuba umuvugizi akongera akaba n’umunyamabnaga wa leta y’Uburundi), na Ndayicariye Pierre Claver( ubu naho ahawe kuyobora CVR Burundi).

Hari ababona ko ukwo kwoba ari gushimira abo bagabo ku ‘gikorwa ciza bakoze’ naho abatari bake nabo babiyamiriza ko nyabuna batitayeho ivyiyumviro vy’abandi Barundi; kandi ko boba yashizweho kugira akingire inyungu za bamwe.

None ubwo imanza zizocibwa na Pierre Claver Ndayicariye mu murwi ujejwe ukuri no kurekuriranira mu Burundfi zizokwakirwa neza kandi asanzwe atabonwa neza na bose? Nivyo kurindira tukazoraba uko bizogenda.

Recommended for you