INTERNATIONAL NEWS

Naho Amerika Yamugabishije, Raila Odinga Yashinze Itariki 30 Nzero 2018 Kurahira Ngo Atware Kenya.

on

Mu kwezi guheze kwa Kigarama 2017, uwutavuga rumwe na Leta ya Kenya irongowe na Uhuru Kenyatta, ariwe Raila Odinga yari yapanze kurahira ku wa 12 Kigarama 2017 kugira ashireho intwaro iri ku ruhande ya Uhuru Kenyatta.Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho Sentare Nkuru ya Kenya ihavuye yemeza ko Uhuru Kenyatta ariwe yatsinze amatora.

Naho biri uko, igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika caragabishije uyo Raila Odinga ko yokwikuramwo ivyo kurahira kurongora igihugu ca Kenya iruhande ya Uhuru Kenyatta, kimenyesha ko kugerageza gukora ivyo ‘kwokwunyura n’ivyari bihasanzwe’.

ingabisho ya Leta zunze Ubumwe za Amerika kuri Raila Odinga ikaba yari yaje inyuma yaho Odinga nyene amenyesherejeko yiteguriye gupfa amaze kurahira. Ntitwokwibagira ko abanywanyi benshi ba Odinga bamushigikiye bavuga ko ukwo kurahira kwiwe “guhuje n’amategeko“.

Inyuma y’aho Raila Odinga ashingiye Inama y’abanyagihugu yamuka ku mugambwe arongoye ariwo NASA( National Super Alliance), Raila Odinga yatangaje mu ndwi iheze ko agiye kuzorahira kurongora igihugu ca Kenya ku wa 30 Nzero 2018.Amakuru amenyeshwa n’ibimenyshamakuru vya Kenya amenyesha ko iyo Nama y’Abanyagihugu iriko irakora cane kugira yipange kuri ivyo birori vyo kurahira kwa Raila Odinga.

Odinga yamenyesheje ko naho hoza iki ategerezwa kurahira ku wa 30 Nzero 2018. “ Ku wa 30 Nzero 2018, nzorahira ku bwo kurongora Kenya, kandi ibi birahambye, kandi uwuvuga ko ari uguhemukira igihugu, naze hama ampagarike”, niko Raila Odinga yamenyesheje.

Naho kurindira tukaraba uko Leta ya Kenya iyobowe na Uhuru Kenyatta ivyifatamwo. Amakungu, na cane cane Leta Zunze Ubumwe Za Amerika ariko yihweza yitonze ivyo Raila Odinga agamije gukora.

Recommended for you